Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Muny.
“Abantu benshi barahagaritswe umutima n’akarenganyo kuzuye mw’isi. Woba wibaza ko hoba hari uwushobora vy’ukuri guhindura isi? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ibintu bituma amahinduka adashoboka. Kirerekana kandi umuntu azokuraho ibintu bituma amahinduka adashoboka, kikongera kikerekana ukuntu azozana amahoro n’umutekano nyavyo”. Soma Zaburi 72:12-14.
Réveillez-vous! 8 Muny.
“Hirya no hino kw’isi hariho itandukaniro rinini cane hagati y’abatunzi n’abakene. Wibaza ko hokorwa iki kugira ngo iryo tandukaniro rikurweho? [Rindira yishure. Nuce usoma Matayo 6:9, 10.] Iki kinyamakuru kirerekana igituma dushobora kwizigira ko Ubwami bw’Imana buzokuraho ukutangana kwo muri kino gihe kurembeje abantu”.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Muny.
“Abantu benshi baribaza igituma ingorane zisinzikaje abantu zitera zunyuka, aho gutorerwa umuti. Woba urigera uzirikana kuri iki kintu iki canditswe kivuga ko ari co kibitera? [Soma Ivyahishuriwe 12:9, uce urindira yishure.] Iki kinyamakuru kiraca iryo n’ino amayeri Shetani akoresha kugira ngo azimize abantu, kikongera kikerekana ingene dushobora kunanira inyosha mbi ziwe”.
Réveillez-vous! 22 Muny.
“Naho nyene himburwa ibifungurwa bikwiye kugira ngo abantu bo kw’isi baronke ivyo bafungura, nk’abantu imiliyoni 800 usanga bafungura nabi. Wumva none bitababaje? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirasigura ingorane yabaye ndanse mu bijanye no kuronsa ibifungurwa abantu baba mu bisagara. Kiraca iryo n’ino kandi umuhango Bibiliya itanga werekeye isi itagiramwo kigoyi”. Soma Zaburi 72:16a.