Twitwararike abandi biciye ku kuntu tubaza ibibazo no ku kuntu twumviriza
1 Abantu benshi barakunda gushikiriza ivyiyumviro vyabo, ariko ntibakunde gukosorwa canke ngo bakunde ko hagira uwuza arababaza ibibazo. Ku bw’ivyo rero, kubera ko turi abasuku bakirisu, turakeneye kwiga ukuntu twokoresha ubuhanga mu gutuma umuntu aserura iryo agona dukoresheje ibibazo.—Imig. 20:5.
2 Ibibazo vyacu bikwiye gutuma umuntu azirikana, ntibikwiye kumutera ubuyega. Igihe umuvukanyi umwe aba ariko aramamaza inzu ku nzu, arabaza ati: “Woba wibaza ko hazoteba hagashika igihe aho umuntu azofata mugenzi we abigiranye ubuntu n’icubahiro?”. Bivanye n’inyishu aronse, arabandanya ati: “Wibaza ko hazosabwa iki kugira ivyo bishoboke?” canke ati: “Ni kubera iki wiyumvira gutyo?”. Hari uwundi muvukanyi igihe aba ariko arashinga intahe akaryo kizanye mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, abaza abafise abana ati: “Ni igiki kiguhimbara kuruta ibindi mw’ibanga ujejwe ry’ubuvyeyi?”. Agaca abaza ati: “Ni ibintu ibihe bikuraza ishinga cane kuruta ibindi?”. Urabona yuko ivyo bibazo bituma abantu baserura iryo bagona tutiriwe turabatera ubuyega. Kubera ko abantu babayeho mu buryo butandukanye, ivyo tuvuga be n’ukuntu tubaza ibibazo, turakeneye kubihuza n’uko dusanze vyifashe mu cibare cacu.
3 Nutume abantu baserura iryo bagona: Nimba abantu bashaka kukubwira ivyiyumviro vyabo, niwumvirize wihanganye wirinde kubaciramwo bidakenewe (Yak. 1:19). Nukenguruke ivyo bavuze ubigiranye ubugwaneza (Kol. 4:6). Woshobora kwivugira gusa uti: “Ivyo bintu ni vyiza. Murakoze kubimbarira”. Nubakeze nimba bishoboka ko ubigira ata buryarya. Nubaze n’ubugwaneza ibindi bibazo kugira umenye ivyo biyumvira be n’igituma biyumvira gutyo. Rondera ikintu muhurizako. Igihe ushaka kuberekeza ku canditswe, wovuga uti: “Mwoba murigera mwiyumvira ko ibi bintu bishoboka koko?”. Uririnda kuba umuntu adakurwa kw’ijambo canke w’ibihari.—2 Tim. 2:24, 25.
4 Ukuntu abantu bakira ibibazo tubaza bishobora kuvana n’ingene twumviriza. Abantu barashobora guserura iryo bagona mu gihe tubumvirije bivuye ku mutima. Umucungezi umwe w’ingenzi yavuze ati: “Igihe wihanganye ugatega ugutwi abantu ubikuye ku mutima, biragira akamaro kanini mu gutuma bakurikira ivyo muriko murayaga, kandi ni bwo buryo ntangere bwo kwitwararikana abandi igishika”. Kwumviriza abandi birabaha icubahiro, kandi birashobora gutuma batega ugutwi ubutumwa bwiza tuba dushaka kubabarira.—Rom. 12:10.