ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/06 rup. 2
  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Udutwe
  • Indwi itangura ku wa 9 Nzero
  • Indwi itangura ku wa 16 Nzero
  • Indwi itangura ku wa 23 Nzero
  • Indwi itangura ku wa 30 Nzero
  • Indwi itangura ku wa 6 Ruhuhuma
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 1/06 rup. 2

Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Indwi itangura ku wa 9 Nzero

Ururirimbo rwa 10

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimukoreshe inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bubereye mu cibare canyu, kugira mwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Kigarama. Muri umwe muri iyo myerekano, umwamamaji abe ariko aramamaza mu karere kaberamwo ubucuruzi.

Imin. 15: “Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha—Ni igitabu nyamukuru kidufasha kurongora inyigisho ya Bibiliya”.a Nuvyurire abumviriza umutima wo gutanguza inyigisho za Bibiliya bakoresheje ico gitabu gishasha.

Imin. 20: “Ingene twotanguza inyigisho za Bibiliya mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha”. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza be n’imyerekano ishingiye ku rupapuro rwa 3 rwo ku nyongera. Turashobora gutangura gukoresha ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha tugatanguza tukongera tukarongorera ubwo nyene inyigisho za Bibiliya abashimishijwe. Nuringanize ivy’uko hagirwa imyerekano itatu yateguwe neza yerekana ingene umuntu yokoresha ibiri (1) ku rupapuro rwa 4-5, (2) ku rupapuro rwa 6, be n’ibiri mu (3) ngingo ya mbere iri ku rupapuro rwa 7 mu gutanguza inyigisho ya Bibiliya igihe asubiye kugendera uwo baganiriye. Imbere y’uko umwerekano umwumwe wose ushikirizwa, nuvuge ibintu bikurubikuru biwugize, umaze kurangira usubire kugira ico uwuvuzeko. Mu kurimbura izo ngingo zo mu muri ico gitabu Ivyo Bibiliya yigisha mwoshobora guca make mu gihe vyoba bikenewe. Umwerekano umwumwe wose nusozerwe umwamamaji ariko araringaniza ivyo gusubira kugendera uwo bariko bariga.

Ururirimbo rwa 125 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 16 Nzero

Ururirimbo rwa 178

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nuremeshe umuntu wese arabe ya videwo “Soigner sans transfuser: besoins et droits du patient” (Ukuvura hadakoreshejwe amaraso, ivyo umurwayi akeneye be n’agateka kiwe bikubahirizwa), aho ishobora kuboneka, kugira yitegurire ikiganiro kizoshikirizwa mu ndwi zibiri igihe c’Ikoraniro ry’umurimo. Aho iyo videwo itaboneka, nimusubire kwihweza ikiganiro gishingiye ku Nyishu ku Bibazo Vyanyu kiri mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 1999 kivuga ngo: “Woba witeguriye ibintu vyihutirwa?”.

Imin. 15: Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba. Insiguro be n’uguhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba, ku rupapuro rwa 4-7. Umaze kugira intangamarara itarenza iminuta itatu ishingiye ku rupapuro rwa 4, nurongore ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku rupapuro rwa 5 gushika ku gatwe gatoyi ko ku rupapuro rwa 7. Ibindi bice vy’ico gitabu Twagizwe ishirahamwe bizokwihwezwa mu Makoraniro y’umurimo azokurikira.

Imin. 20: “Urwaruka ruriko ruraka nk’amatara”.b Nusabe urwaruka rugire ico ruvuze ku kuntu rwashoboye gushinga intahe kw’ishure. Woshobora gutunganya imbere y’igihe ivy’uko uwukiri muto umwe canke babiri bagira ico bavuze.

Ururirimbo rwa 107 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 23 Nzero

Ururirimbo rwa 60

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nusome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Nimukoreshe inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke izindi zibereye mu cibare canyu, kugira mwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Kigarama na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Kigarama. Nusabe uwukiri muto umwe agire umwe muri iyo myerekano.

Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.

Imin. 20: “Twitwararike abandi biciye ku kuntu tubaza ibibazo no ku kuntu twumviriza”.c Igihe muganira ku ngingo ya 2, nusabe abumviriza bavuge ibibazo babonye ko ari ngirakamaro mu gutanguza ibiyago. Nimugire umwerekano w’ukuntu twotuma umuntu aserura iryo agona mu kubaza ibibazo tubigiranye ubugenge kandi tukongera tugatega yompi.

Ururirimbo rwa 205 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 30 Nzero

Ururirimbo rwa 197

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umuriro wo muri Nzero. Nuvuge ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Ruhuhuma, hongere hagirwe n’umwerekano w’ingene kimwe muri ivyo coshikirizwa.

Imin. 15: Intunganyo ziranga urukundo zagizwe ku neza yacu. Gishikirizwe n’umukurambere. Nusome wongere uce irya n’ino ibiri mw’ikete ryo ku wa 3 Nzero 2006 ibiro vy’ishami vyarungikiye amashengero yose, ryerekeye ingene twokwungukira ku birangurwa na ya Komite ijejwe kuja inama n’ibitaro be na wa Mugwi ugendera Ivyabona barwaye.

Imin. 20: Nimuganire ku Nyishu ku Bibazo Vyanyu dusanga mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 1999 ku kibazo kivuga ngo: “Woba witeguriye ibintu vyihutirwa?”. Canke aho ya videwo iboneka murimbure ikiganiro kivuga ngo: “Ividewo ishira ahabona uburyo bwo kuvura buhambaye”. Nusome Ivyakozwe n’intumwa 15:28, 29 wongere ushimike muri make yuko imvo nyamukuru ituma abakirisu banka guterwa amaraso ari iyo kwubaha itegeko ry’Imana ryerekeye ubweranda bw’amaraso. Nuce winjira mu kiganiro gishingiye kuri ya videwo ivuga ngo: “Besoins et droits du patient” (Ivyo umurwayi akeneye be n’agateka kiwe bikubahirizwa), ukoreshe ibibazo vyatanzwe muri ico kiganiro. Nusozere mu gusoma ingingo ya nyuma.

Ururirimbo rwa 45 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 6 Ruhuhuma

Ururirimbo rwa 74

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu n’Udukuru twa gitewokarasi.

Imin. 25: Tumenye igikoresho cacu gishasha co kwigisha. Insiguro n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abumviriza kugira ico bavuze ku bintu biri muri ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha bibashimisha, nk’akarorero vya bibazo vy’intangamarara be na rwa ruzitiro rurimwo ivyiyumviro vy’isubiramwo bishimika ku bintu nyamukuru vy’ikigabane kimwekimwe cose (rup. 106, 114), ibintu umuntu ashobora kubona (rup. 122-123, 147, 198), be n’amayagwa y’inyongera (rup. 197, ing. 1-2). Ico gitabu cigisha mu buryo bukora ku mutima (rup. 11-12, ing. 12). Kirasobanura ibintu mu buryo bworoshe kandi bwumvikana (rup. 58, ing. 5) kandi kirakoresha ibigereranyo vy’ingirakamaro (rup. 159, ing. 12). Intangamarara yagenewe kudufasha gutanguza inyigisho za Bibiliya (rup. 3-7). Nimugire umwerekano w’ingene twokoresha uruzitiro rwo ku rupapuro rwa 7 igihe dutanguye kwigana n’umutohoji wa Bibiliya mushasha. Nimwigane ibintu vyiza vyabaye igihe mwakoresha ico gitabu gishasha.

Imin. 10: Gukora ubutsimvyi bwo gufasha birazana imihezagiro (Imig. 10:22). Nusabe abakoze ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante, Ndamukiza no muri Rusama mu mwaka uheze, bavuge ingene biyungunganije be n’imihezagiro bahakuye. Nuremeshe bose kuzirikana babijanishije n’isengesho nimba bashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama.

Ururirimbo rwa 16 n’isengesho ryo gusozera.

[Utujambo tw’epfo]

a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika