ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/06 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 1/06 rup. 7

Amatangazo

◼ Nzero 2006: Igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 casohowe imbere yo mu 1991 coshobora gushikirizwa. Amashengero adafise ibitabu vya kera nk’ivyo yoshobora gushikiriza igitabu L’humanité à la recherche de Dieu nimba kiriho mu bubiko bw’ishengero. Mwoshobora gushikiriza kandi Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo. Ruhuhuma: Hazoshikirizwa igitabu Niwiyegereze Yehova. Amashengero adafise ico gitabu yoshobora gushikiriza ikindi gitabu ca kera kiboneka mu bubiko bw’ishengero. Ariko kandi mwoshobora gushikiriza Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo. Ntwarante: Hazoshikirizwa ca gitabu gishasha Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Hazogirwa utwigoro tudasanzwe two gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ndamukiza na Rusama: Nimushikirize ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Mu gihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, ushizemwo abitaba Icibutso be n’izindi porogarama za gitewokarasi canke abitaba izo zindi uretse Icibutso, mugabo bakaba batifatanya n’ishengero babigiranye umwete, nimwihatire gushikiriza ca gitabu gishasha Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Intumbero ikwiye kuba iyo gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana muri ico gitabu.

◼ Kubera yuko ukwezi kwa Ndamukiza kuzoba gufise impera z’umushamvu zitanu, kuzoba ari ukwezi kwiza kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha.

◼ Guhera muri Ruhuhuma kandi bitarenze ku wa 5 Ntwarante, insiguro y’icese nshasha izoshikirizwa n’abacungezi b’imizunguruko izoba ivuga ngo: “Urashobora kwiberaho mu mahoro ubu be no mu bihe bidahera”.

◼ Amashengero akwiye kugira indinganizo zibereye zijanye n’uguhimbaza Icibutso kizoba muri uyu mwaka ku wa gatatu, igenekerezo rya 12 Ndamukiza izuba rirenze. Naho insiguro yotangura hakiri kare, ugutembereza ibimenyetso ntigukwiye gutangura izuba ritararenga. Murasuzuma neza igihe izuba rirengerako mu karere iwanyu. Ishengero rimwerimwe ryose rikwiye kugerageza guhimbaza Icibutso riri ukwaryo ryonyene. Ariko rero, hari aho ivyo bitokwama bishoboka. Aho usanga amashengero menshi asanzwe akoresha Ingoro y’Ubwami imwe, kumbure ishengero rimwe canke ayarenga arashobora kurondera iyindi nyubakwa akoresha kuri uwo mugoroba. Aho bishoboka, twobagira inama yo gusiga n’imiburiburi iminuta 40 hagati y’amaporogarama, kugira ngo bose bashobore kwungukira kuri urwo rubanza bimwe bishitse. Murakwiye kandi kwitwararika ivy’uruja n’uruza rw’imiduga be n’ivyerekeye aho kuyihagarika, mutibagiye n’ivyo kuzana no gutahukana abantu. Inama y’abakurambere ikwiye gutunganya ibintu ikurikije ibibereye aho iwanyu.

◼ Igihe cose utegekanya gufata urugendo ku giti cawe kandi ukaba ubona ko uzokwitaba amakoraniro y’ishengero, iteraniro canke ihwaniro ry’intara rizobera mu kindi gihugu, amakuru yerekeye amatariki, amasaha be n’aho bizobera ukwiye kubisaba ku biro vy’ishami bihagarikiye igikorwa muri ico gihugu. Aderese z’ibiro vy’amashami uzisanga ku rupapuro rwa nyuma rw’igitabu c’umwaka ca vuba canke igitabu Ivyo Bibiliya yigisha.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika