Urwaruka ruriko ruraka nk’amatara
1. Bibiliya yerekana ko abakirisu bobonetse ko batandukanye n’abandi gute, kandi ayo majambo yerekeye gute abakirisu bakiri bato muri iki gihe?
1 Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mur’umuco w’isi” (Mat. 5:14, 16). Bobonetse nka kurya kw’igisagara kiri kw’isonga ry’umusozi gikayangana ku zuba. Muri iki gihe abakirisu bakiri bato benshi bariko ‘baraka nk’amatara mw’isi’ biciye ku nyifato yabo nziza be no kw’ishaka bafise ryo kwamamaza.—Flp. 2:15; Mal. 3:18.
2. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe ushobora gukoresha mu kubwira ubutumwa abigisha canke abo mwigana?
2 Kw’ishure: Mushobora gute kwamamaza kw’ishure? Hariho abakiri bato bakoresheje akaryo bari baronse mu gihe c’ibiganiro abanyeshure bashikiriza kw’ishure nk’ivyerekeye ibiyayuramutwe, inyigisho y’ihindagurika, intambara, n’ibindi. Umuvukanyikazi umwe yarashinze intahe yerekeye Ubwami bw’Imana, arerekana ko ari bwo abantu bakwiye guhanga amaso biciye ku gakorwa yari yarahawe ko kwandika ku vyerekeye iterabwoba. Umwigisha wiwe yarakozwe ku mutima n’ukuntu ako gakorwa kari kateguwe neza, ivyo bikaba vyaraciriye uwo muvukanyikazi inzira yo gushinga intahe inyuma y’aho.
3. Ni gute woreka umuco wawe ukaka biciye ku kuntu wigenza?
3 Ubundi buryo bwo kwaka nk’amatara ni ukuntu wigenza, wambara rupfasoni be n’ukuntu witunganya (1 Kor. 4:9; 1 Tim. 2:9). Igihe abigisha canke abanyeshure babonye yuko wigenza mu buryo butandukanye n’uko abandi bigenza, ukwo kuntu wigenza neza birashobora gutuma bamwebamwe bakunda ukuri bikongera bigatuma uronka akaryo ko kubabwira ukuri kwo muri Bibiliya (1 Pet. 2:12; 3:1, 2). Kwigenza mu buryo bushimwa n’Imana ushobora gusanga bitoroshe, ariko ubigize Yehova azoguhunda imigisha myinshi (1 Pet. 3:16, 17; 4:14). Kugira ngo utume abandi bashimishwa n’inkuru nziza, woshobora gusoma igitabu gishingiye kuri Bibiliya igihe uri mu karuhuko canke ukagisiga aho bashobora kukibona.
4. Kwamamaza kw’ishure bivamwo inyungu zimwezimwe izihe?
4 Uretse umuco wawe ukaka kw’ishure, birakomeza ukwizera kwawe bikongera bikagufasha kurushiriza kwiratira Yehova mu kumusukurira (Yer. 9:24). Ikindi kandi, birakubera uburinzi. Umuvukanyikazi umwe yavuze ati: “Inyungu imwe nkura mu kuyagira abandi ivyo nemera, ni uko abanyeshure batagerageza kungora ngo nkore ibintu bitajanye n’ivyo Bibiliya ivuga”.
5. (a) Abakiri bato bariko barangura gute ubusuku bwabo? (b) Imigambi yawe yo mu vy’impwemu ni iyihe?
5 Kwagura umurimo: Ubundi buryo abakiri bato bariko berekanamwo ko baka nk’amatara ni mu kwagura ubusuku barangura. Umuvukanyi umwe amaze guheza amashure yaciye yimukira ahantu hari hakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi. Yari mw’ishengero ritoyi rifise umukurambere umwe gusa. Yandikiye umugenzi wiwe ati: “Muri iki gihe ndahimbawe cane mu buzima. Mbega ukuntu ubusuku buruhura! Bitumwe n’uko abantu bo ngaha bashaka kwumviriza ibintu vyose tubabwira, ku muhana umwumwe tugenda turahamara hafi iminuta 20”. Yongeyeko ati: “Nipfuza ko uwukiri muto wese yokora nk’uku nyene kugira amererwe nk’uko merewe. Nta ciza kiriho coza kiruta ugusukurira Yehova dukoresheje ivyo dufise vyose”.
6. Ni ibiki ushimira urwaruka rwo mw’ishengero ryanyu?
6 Mbega ukuntu duhimbarwa no kubona mwebwe abakiri bato muriko muraka nk’amatara mw’isi (1 Tes. 2:20)! Uko musukurira Yehova n’umutima wanyu wose, n’ubugingo bwanyu bwose, n’umuzirikanyi wanyu wose be n’inguvu zanyu zose, ‘muzobishumbushwa ijana muri iki gihe ca none, kandi no mu gihe kizoza muzohabwa ubuzima budahera’.—Mrk. 10:29, 30; 12:30.