ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/06 rup. 1
  • Bamamaji b’Ubwami bakundwa,

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bamamaji b’Ubwami bakundwa,
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Woba Ushobora Kwitanga?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Uratumiwe!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ibikorwa vyiza bitigera vyibagirwa
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Ni ibiki birangurirwa ku Biro vy’ishami?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 9/06 rup. 1

Bamamaji b’Ubwami bakundwa,

Twagomba kubakengurukira ku mfashanyo ziranga urukundo mwahaye abavukanyi n’abavukanyikazi benshi bashikiwe n’ingorane bivuye ku ruzuba be n’imyuzure vyatumye haba ubukene bw’ibifungurwa mu ntara zimwezimwe z’icibare cacu.—Yoh. 13:35.

Umuvukanyi umwe mu baronse imfashanyo zigenewe abashikiwe n’amapfa, yavuze ati: “Iyo mfashanyo yaje mu gihe vy’ukuri twari tuyikeneye. Turakengurukira cane Yehova n’ishirahamwe ryiwe kubona baturonkeje iyo mfashanyo. Twariboneye rwa rukundo nyakuri ruranga abakirisu b’ukuri”. Intererano mutanga ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose zirakengurukwa.

Nk’akarorero, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abavukanyi n’abavukanyikazi ibihumbi bashikiwe n’ivyago biturutse ku bihuhusi vyatemye bigatongora mu kigobe ca Megizike mu 2005 bararonkejwe imfashanyo ziranga urukundo. Abavukanyi n’abavukanyikazi barenga 8.000 bakorana na Komite z’ubwubatsi z’akarere zishika 60 baratanze umwanya wabo n’ubuhanga bwabo be n’ubutunzi bwabo kugira bafashe mu vy’ugutabara abashikiwe n’ivyago. Barafashije mu bijanye no gusanura canke gusubira kwubaka Ingoro z’Ubwami 86 hamwe n’amazu 4.178 y’abantu. Abavukanyi bamwebamwe baravuye n’imiduga yabo mu mihingo ya kure cane nko muri Leta ya Maine no muri Leta ya Washington kugira baje gusahiriza. Emwe, twese turakenguruka rwose ubutame bwabo buranga urukundo!—1 Tes. 5:18.

Umuvukanyikazi umwe wo muri Leta ya Michigan yari yitanze ngo aje gufasha, yavuze ati: “Naranezerewe cane no kubona ukuntu imiryango yamwenyuye ibonye ibisenge bishasha twabashiriye ku mazu. Nta majambo noronka nkoresha yo guserura ukuntu bituma numva yuko ndi mu bagize umuryango nk’uyo w’abavukanyi mwiza utoraba”. Koko, ako kari akarorero keza kerekana ukuntu twofasha abashikiwe n’ivyago nk’ivyo.

Tubasavye ko mwobandanya gusabira abavukanyi bose bakundwa boshikirwa n’ingorane ziturutse ku vyago bitari bimwe bishika muri iyi misi ya nyuma be n’abariko baratanga imfashanyo zo gutabara.—2 Kor. 1:11.

Abavukanyi banyu,

Ibiro vy’ishami vyo mu Burundi, muri Kenya, muri Sudani, muri Tanzaniya, no muri Uganda

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika