Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Kig.
“Woba wibaza ko ubu buhanuzi bwo muri Bibiliya buriko buraranguka muri iki gihe? [Soma Matayo 24:11, maze uce urindira yishure.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino inyigisho zimwezimwe zamaze gukwira hose. Kirerekana kandi ingene twokwirinda guhendwa n’abigisha b’ikinyoma”.
Réveillez-vous! Kig.
“Ni nde wovuga ko ari we muntu ahambaye kuruta ababayeho bose? [Rindira yishure.] Abantu benshi babona ko Yezu ari we muntu ahambaye kuruta ababayeho bose. Raba ivyo azokorera isi ari Umutware w’Ubwami bw’Imana. [Numwereke isanamu iri ku rupapuro rwa 8 n’urwa 9, wongere usome kimwe mu vyanditswe vyerekanywe kuri izo mpapuro.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ukuntu Yezu azorangura ivyo bintu be n’igihe azobigirira”.
Umunara w’Inderetsi 15 Kig.
“Muri iki kiringo c’umwaka, abantu benshi barakurikiza ivyo abamarayika batangaje igihe Yezu yavuka [Soma muri Luka 2:14.] Woba wibaza ko amahoro azoteba agasasagara vy’ukuri kw’isi? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ukuntu Yezu agiye kuzana amahoro nyakuri kw’isi”.
Réveillez-vous! Kig.
“Amadini ntabona kumwe ibijanye n’ukunywa inzoga. Wibaza yuko Imana ibona gute ibijanye n’ukuyinywa? [Rindira yishure.] Naho igitangaro ca mbere Yezu yakoze kwari uguhindura amazi umuvinyu, Bibiliya iratanga kandi iyi mburizi. [Soma Imigani 20:1.] Iki kiganiro kirasigura ukuntu Bibiliya ibona ico kibazo ku burimbane”. Numwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 18.