Ukuntu Inyigisho y’igitabu y’ishengero idufasha
1. Amakoraniro atanu tugira buri ndwi adufasha gute?
1 Rimwe ryose mu makoraniro atanu tugira buri ndwi ririsa kandi rifise intumbero ryisangije. Yamara, yose arahambaye mu kudufasha “[kuvyuriranira] ugukundana n’ibikorwa vyiza” (Heb. 10:24, 25, NW). Ni imice imwimwe iyihe Inyigisho y’igitabu y’ishengero yisangije kandi y’ingirakamaro?
2. Ni ivyiza ibihe biva mu kwikoraniriza hamwe n’umugwi mutoyi mu nyigisho y’igitabu?
2 Iradufasha gutera imbere mu vy’impwemu: Mu bisanzwe abitaba inyigisho y’igitabu usanga ari bake cane ugereranije n’abitaba ayandi makoraniro y’ishengero. Ivyo biratuma birushiriza kworoha gukomeza ubucuti butuma dushobora gushigikirana mu vy’impwemu (Imig. 18:24). Woba waragize akigoro ko kumenya abantu bose bari mu mugwi wanyu w’inyigisho y’igitabu, kumbure ukabasaba ngo mukorane mu busuku? Inyigisho y’igitabu iratuma kandi umucungezi wayo amenya uko ivy’umwumwe wese mu bayigize vyifashe, maze akamuronsa indemesho ku giti ciwe.—Imig. 27:23.
3. Ni mu buryo ki inyigisho y’igitabu ituma abigishwa ba Bibiliya batanga insasanuro ikongera igatuma bayitaba?
3 Woba waratumiye abo mwigana Bibiliya kugira bitabe inyigisho yanyu y’igitabu? Hari abashimishijwe badakunda kwitaba amakoraniro manini tugira boshobora kworoherwa no kwitaba ikoraniro ry’abantu bakeyi, canecane iribera mu muhana w’umuntu. Igishika kiba kiharangwa kiratuma abakiri bato be n’abashasha boroherwa gutanga insasanuro. N’ikindi kandi, kubera ko uwo mugwi uba ari mutoyi, turaronka uturyo twiyongereye two kugira uruhara no gushemeza Yehova.—Zab. 111:1.
4. Inyigisho y’igitabu ishobora kuba iyorohereza mu buryo butandukanye ubuhe?
4 Mu bisanzwe inyigisho z’ibitabu zigirirwa ahantu horohereza abamamaji hirya no hino mu karere ishengero ririmwo. Naho bidashoboka ko bose bashirwa ahabegereye cane, kwitaba inyigisho y’igitabu mu mugwi twashizwemwo birashobora gusaba ko tugenda urugendo ruto ugereranije n’urwo tugira mu kwitaba ayandi makoraniro. Ahabera inyigisho y’igitabu hoshobora kandi kuba ahantu horohereza abamamaji kugirira ikoraniro ry’ubusuku bwo mu ndimiro.
5. Imfashanyo dukeneye mu busuku dushobora gute kuzironka biciye ku mucungezi w’inyigisho y’igitabu turimwo?
5 Irafasha mu busuku: Umucungezi w’inyigisho y’igitabu arahimbarwa no gufasha umwe wese kugira uruhara mu busuku adahorereza, mu buryo ngirakamaro kandi buteye umunezero. Vyongeye, arakora uko ashoboye kwose kugira akorane mu busuku n’umwe wese mu bagize uwo mugwi, agafasha umwumwe ukwiwe mu mice itandukanye y’ico gikorwa. Niba ubona hari umuce munaka w’ubusuku ukugora, nk’akarorero kugira amasubirayo, nubimenyeshe umucungezi w’inyigisho y’igitabu urimwo. Kumbure arashobora gutunganya ivy’uko usohokana n’umwamamaji aciye uruma wo muri uwo mugwi. Ubushobozi bwawe bwo kwigisha mu gihe c’inyigisho za Bibiliya uzoburyohora niwihweza neza uburyo bwiza bwo kwigisha umucungezi w’inyigisho y’igitabu akoresha igihe ayobora inyigisho y’igitabu.—1 Kor. 4:17.
6. Ni kubera iki dukwiye kurondera kwungukira ku nyigisho y’igitabu bimwe vyuzuye?
6 Ese ukuntu Inyigisho y’igitabu y’ishengero ari umuhezagiro! Iyo ntunganyo iranga urukundo Yehova yadushiriyeho iradufasha kuguma duhagaze neza mu vy’impwemu muri ibi bihe bigoye tubamwo.—Zab. 26:12.