Duhe icizigiro aboro
1 Yezu yaritwararika aboro mu buryo budasanzwe. Vyarashika akabaronsa ku gitangaro imfashanyo z’ivy’umubiri akongera akabakiza indwara ku gitangaro, ariko ico yibandako cane kwari ukubabwira “inkuru nziza” (Mat. 11:5). Muri iki gihe, ubusuku bwa gikirisu burabandanya kugirira akamaro aboro be n’abandi.—Mat. 24:14; 28:19, 20.
2 Icizigiro nyakuri: Abakuru b’amadini bo mu bitwa abakirisu barakunda kwizigiza aboro ko bazotunga mu gihe baterereye idini n’umutima wabo wose. Yamara, Bibiliya yigisha ko Ubwami bw’Imana ari bwo gusa buzokuraho ubukene bukongera bugatorera umuti ingorane zose abantu bafise (Zab. 9:18; 145:16; Yes. 65:21-23). Tweretse aboro ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha, tuba tubahaye icizigiro, tukaba kandi tubafashije kuronka ivyo bakeneye mu vy’impwemu.—Mat. 5:3.
3 Abafarizayo bo mu gihe ca Yezu barakengera aboro, n’akagaye n’akantu bakabita ‘am-ha·’aʹrets, ni ukuvuga “abantu b’ivu”. Ariko rero, Yezu yabona ko “amaraso yabo”, ari bwo buzima bwabo, ari n’ “igiciro” (Zab. 72:13, 14). Turashobora kwigana Yezu, ‘tukagirira akagongwe’ aboro mu kubagaragariza umutima mwiza n’impuhwe (Imig. 14:31). Ntidukwiye kwigera tuvuga nabi abantu baba mu bibano bikenye canke ngo twirengagize kubabwira inkuru nziza. Abantu benshi bariko barakira neza ubutumwa bw’Ubwami usanga ari abantu baciye bugufi.
4 Tubafashe tudatebaganye: Twigishije ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya aboro bari mu cibare cacu birabafasha kandi kugabanya ubukene guhera ubu. Nk’akarorero, Bibiliya iriyamiriza akaborerwe, ugukina akamari, ubunebwe, kunywa itabi be n’izindi ngeso zituma umuntu akena (Imig. 6:10, 11; 23:21; 2 Kor. 7:1; Ef. 5:5). Ivyanditswe biremesha kuba inzirabugunge no gukorana ‘umutima wose’, izo zikaba ari kamere zironderwa mu bakozi (Kol. 3:22, 23; Heb. 13:18). Nkako, mw’itohoza rimwe ryagizwe, abakoresha benshi bavuze yuko ukuba inzirabugunge be n’ukuba intadohoka ari zo kamere barondera cane mu baba bariko bararondera akazi.
5 Yehova ntiyirengagiza amarushwa y’aboro. Vuba Yezu Kristu agiye gukiza ‘umukene atakamba’ (Zab. 72:12). Mu kurindira ko ico gihe gishika, turafise agateka ko guhumuriza abandi, ushizemwo n’aboro, mu kubabwira ubutumwa bwo muri Bibiliya butanga icizigiro.