Isubiramwo ryo mw’ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 25 Myandagaro 2008. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 7 Mukakaro gushika ku ndwi itangura ku wa 25 Myandagaro 2008.
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Dushobora gute kwerekana ko tugira ibitegereka igihe tubwira abandi ukuri? (Flp. 4:5) [be rup. 251 ing. 3]
2. Akarorero ka Paulo igihe yavugisha Abagiriki kuri Areyopago koshobora gute kudufasha igihe tubwira inkuru nziza abantu batemera ko Bibiliya ifise ububasha? (Ibik. 17:22, 23) [be rup. 252 ing. 1-2]
3. Naho nyene twoba tuzi neza yuko umuntu turiko turaganira ariko aravuga ibitari vyo, dushobora gute kugira ibitegereka mu vyo tugiranira na we? [be rup. 253 ing. 1-2]
4. Igihe twihatira kuvuga mu buryo bujijura, ni igiki dukwiye kugumiza mu muzirikanyi? [be rup. 255 ing. 3, uruzitiro]
5. Dushobora gute gukoresha ugutahura igihe turondera gushikira umutima w’uwutwumviriza? (Imig. 20:5) [be rup. 258 ing. 1-5]
IKIGANIRO NO. 1
6. Ni igiki abavukanyikazi bakwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe bariko barakorera ku kiringo gifatirwako kinaka? [be rup. 44 ing. 5-6]
7. Ni igiki abavukanyi bakwiye kurondera gushikako igihe bashikiriza ibikurubikuru vyo muri Bibiliya? (Neh. 8:8) [be rup. 47 ing. 2-3]
8. Umuvukanyi akwiye gushikiriza gute ikiganiro co mw’Ikoraniro ry’umurimo gisaba kugira umwerekano canke ukubaza ibibazo? [be rup. 49 ing. 5]
9. Igitabu c’Ibikorwa cerekana gute ukuntu intahe ishingwa be n’urugero igezako mu gushingwa? (Ibik. 20:20, 21; 28:23) [bsi08-1 rup. 16 ing. 35]
10. Uwushikiriza insiguro y’icese yokora iki kugira yiyemeze neza ko Bibiliya ari yo shimikiro ry’insiguro yiwe? (Ibik. 17:2, 3) [be rup. 52 ing. 6–rup. 53 ing. 2]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Twigira iki ku vyo Paulo yakoze dusanga mu Bikorwa 16:3? [w03 1/12 rup. 20 ing. 5-rup. 21 ing. 1]
12. Arisitariko na Gayo bavyifashemwo gute mu ruhamo? (Ibik. 19:29; 20:4, 5) [w08 15/2 rup. 10 ing. 16-17]
13. Imvugo ngo Sauli yariko “[aratera] imigere ku mihunda” yasobanura iki? (Ibik. 26:14) [w03 1/10 rup. 32]
14. Ni gute ‘igicumuro caronse akaryo’ biciye kw’ibwirizwa Imana yahaye Isirayeli? (Rom. 7:8, 11) [w08 15/6 “Ijambo rya Yehova ni rizima—Ibikurubikuru vyo mw’ikete ku Baroma”]
15. Ni gute ‘turunda amakara’ ku mutwe w’umwansi? (Rom. 12:20) [w08 15/6 “Ijambo rya Yehova ni rizima—Ibikurubikuru vyo mw’ikete ku Baroma”]