Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 11 Myandagaro
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku biganiro vyo mu binyamakuru biheruka gusohoka babonye ko vyoshimisha abantu bo mu cibare canyu. Nubasabe bavuge ivyiyumviro binaka biri mu biganiro bategekanya kuzokwerekana. Ni ikibazo ikihe cobazwa kugira ngo umuntu atanguze ikiyago? Ni icanditswe ikihe co mu kiganiro coca gisomwa? Nimutunganye ivy’uko hagirwa imyerekano yerekana ingene uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru bwatanzwe bwoshobora gukoreshwa.
Imin. 15: Dukore ivyo Imana igomba tudasamara. Insiguro ishingiye ku gitabu “Viens suis-moi,” urupapuro rwa 93-94, ingingo ya 12-13 canke ku kiganiro kivuga ngo “ ‘Mwame mwiteguye’ ” kiri mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2003, urupapuro rwa 1.
Imin. 20: “Woba uriko urayikoresha bimwe bishitse?”a Nubaze ibibazo umwamamaji ari n’ico yiboneye igihe yariko arakoresha kimwe mu biganiro bishasha vyo mu nteguro ya bose y’Umunara w’Inderetsi. Ico cabonywe coshobora gusubirwamwo mu buryo bw’agakino. N’ikindi kandi, hisunzwe ingingo ya 2 yo mu kiganiro kivuga ngo “Ivyo twigira kuri Yezu,” co mu kinyamakuru co ku wa 1 Mukakaro canke mu yindi nomero ya vuba y’Umunara w’Inderetsi, nihagirwe umwerekano w’ukuntu umuntu yotanguza inyigisho akoresheje ico kiganiro.
Indwi itangura ku wa 18 Myandagaro
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nimurimbure ikiganiro kivuga ngo “Porogarama y’Iteraniro ry’umuzunguruko ryimirije.” Numenyeshe igenekerezo iteraniro ry’umuzunguruko ryimirije rizoberako, nimba rimaze kumenyekana. Niwibutse abumviriza kuzoza bitwaje Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro na Réveillez-vous! yo muri Mukakaro kw’Ikoraniro ry’umurimo ryo ku ndwi ikurikira no kuba biteguriye kwigana ukuntu ivyo binyamakuru vyoshikirizwa mu cibare canyu.
Imin. 20: Ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya biratera iteka Yehova. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere. Kubera ko Yehova ari Imana nyeranda, kuba abadahumanye ku mubiri ni ikintu abasavyi biwe bitwararika cane. (Kuv. 30:17-21; 40:30-32) Mu gihe turi intangakarorero mu kuntu twambara no mu kuntu twitunganya, na canecane igihe turi mu busuku, turahimbara Yehova tukongera tukamutera iteka. (1 Pet. 2:12) Ku rundi ruhande, kunanirwa kubigira vyoshobora gutuma “ijambo ry’Imana [ritukwa].” (Tito 2:5) Nuvuge ivyabonywe ng’aho iwanyu canke ivyasohotse mu bisohokayandikiro vyerekana ukuntu ukuboneka neza kw’umwamamaji vyashinze intahe.
Imin. 15: Abakiri bato bashinga intahe ikomeye. Insiguro iremesha abavyeyi be n’abana babo buca basubira kw’ishure. Niwibutse abakiri bato kutagisha uturyo two gushinga intahe. Niba umwanya ubakundiye, nusabe abumviriza bavuge ivyo bo ubwabo biboneye igihe bashinga intahe kw’ishure.
Indwi itangura ku wa 25 Myandagaro
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Soma raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Nimwihweze ikiganiro kivuga ngo “Porogarama y’Umusi w’iteraniro ridasanzwe ryimirije,” mwongere mumenyeshe igenekerezo iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe ryimirije rizoberako, nimba rizwi.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 15: Twitegurire gushikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku 1 Mukakaro na Réveillez-vous! yo muri Mukakaro. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Nuvuge muri make ibiri muri ivyo binyamakuru, maze ubaze abumviriza bavuge ibiganiro vyoshimisha abantu bo mu cibare canyu. Ni ikibazo ikihe be n’icanditswe ikihe vyoshobora gukoreshwa kugira ngo batanguze ikiyago? Nimugire umwerekano w’ukuntu uburyo bwatanzwe bwo gushikiriza ibinyamakuru dusanga mu Gikorwa dukorera Ubwami bwokoreshwa. Nusabe umwe mu bakurambere agire umwerekano wo gushikiriza ikinyamakuru, uwo yateguye yishimikije ikiganiro gishobora kuba kibereye cane mu cibare canyu.
Indwi itangura ku wa 1 Nyakanga
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu be n’Udukuru twa gitewokarasi. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Myandagaro.
Imin. 20: Naho bari ukwa bonyene, ntibibagirwa. Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2008, urupapuro rwa 25-28. Nuvuge abakirisu abo ari bo bose bo mw’ishengero baba mu kigo kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru kiri mu karere kanyu. Niba ata n’umwe aba muri bene ivyo bigo, nukoreshe ivyiyumviro biri muri ico kiganiro kugira ngo uremeshe abagize ishengero gushigikira abo bose bafise amagara make canke boba batagishoboye kugira uruhara cane mu bikorwa vyo mw’ishengero.
Imin. 15: Muri Nyakanga tuzotanguza inyigisho ya Bibiliya igihe tugendeye umuntu ari bwo bwa mbere. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Muri Nyakanga tuzoshikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha twongere twihatire kuganira ku ngingo nkeya n’uwo twasanze ku muhana tugendeye ari bwo bwa mbere. Nimusubiremwo inama dusanga mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2006, mwongere mugire umwerekano umwe canke ibiri w’ukuntu umuntu yotanguza inyigisho ya Bibiliya igihe agendeye umuntu ari bwo bwa mbere.
[Akajambo k’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.