Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Muk.
“Twese turazi ukuntu kubura uwacu bibabaza. Woba wibaza ko Bibiliya ishobora gufasha mu bihe nk’ivyo? [Rindira yishure, uce usoma Zaburi 55:22.] Iki kinyamakuru kirarimbura bumwebumwe mu buryo ngirakimazi buvugwa muri Bibiliya bwofasha mu gihe c’ingorane nk’iyo.”
Réveillez-vous! Muk.
“Abubatse bari mu mukazo uguma wiyongera, kandi ingo nyishi ziruhira gusambuka. Woba wibaza ko gukurikiza iyi mpanuro vyotuma imibano iroranirwa? [soma Imigani 12:18, uce urindira yishure.] Iki kinyamakuru kirarimbura izindi ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gufasha abubatse gukomeza ubucuti bafitaniye.”
Umunara w’Inderetsi 1 Muk.
“Woba wibaza ko bishoboka yuko abantu buntu bagiranira n’Imana Mushoboravyose ubucuti bwa somambike? [Rindira yishure, uce usoma Ibikorwa 17:27.] Iki kiganiro kirerekana igituma dushobora guhera amazinda yuko Imana ishaka ko tuyiyegereza.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.
Réveillez-vous! Muk.
“Vyinshi mu bintu bikoreshwa mu kwisamaza muri iki gihe birerekana iyongerekana mu vyo kwitwararika ivy’ubupfumu. Woba wibaza ko kwisuka mu vy’ubupfumu ataco vyoba bitwaye? [Rindira yishure, uce usoma Gusubira mu vyagezwe 18:10-12.] Iki kinyamakuru kirerekana ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’akaga kari mu bupfumu.” Mwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.