Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Gitugutu
“Twese turashikirwa n’ingorane mu buzima. [Nuvuge zimwezimwe mu zimenyerewe mu cibare canyu.] Woba wibaza ko Imana ishobora kudufasha muri izo ngorane? [Rindira yishure.] Muri uyu murongo, Yezu arerekana uburyo bumwe Imana idufasha. [Soma Luka 11:13.] Iki kinyamakuru kirasigura impwemu nyeranda ico ari co be n’ukuntu dushobora kuyungukirako.”
Réveillez-vous! Gitugutu
“Nta muryango n’umwe udashikirwa n’ingorane. Wibaza ko imiryango yokura hehe impanuro zo kwizigirwa kandi ngirakamaro? [Rindira yishure, uce usoma Zaburi 32:8.] Iyi nomero idasanzwe ya Réveillez-vous! irerekana ingingo ngenderwako zitari nke zitomoye zo muri Bibiliya zizofasha imiryango niyazishira mu ngiro.”
Umunara w’Inderetsi 1 Gitugutu
“Abantu benshi muri kino gihe ntibacizera ko hariho Umuremyi. Wibaza ko ivyo biva ku ki? [Rindira yishure.] Iyi mirongo iratanga impamvu imwe ishobora kuba ibituma. [Soma Habakuki 1:2, 3.] Ibi biganiro birafasha gutorera inyishu ibibazo bimwebimwe bikunze kubazwa ku bijanye n’Imana vyatumye abantu bareka kuyizera.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 11.
Réveillez-vous! Gitugutu
“Woba wemera ko imiryango ishikirwa n’ingorane nyinshi muri kino gihe? [Rindira yishure.] Abantu benshi ntibazi impanuro ngirakamaro ziri muri Bibiliya. Ehe akarorero. [Soma icanditswe kivuye muri ico kinyamakuru.] Iyi nomero idasanzwe ya Réveillez-vous! irerekana ukuntu ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gufasha imiryango kuvyifatamwo neza mu bintu bitari bimwe.”