Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 13 Kigarama
INDWI ITANGURA KU WA 13 KIGARAMA
Ururirimbo rwa 5 (205)
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 2 Ngoma 15-19
No. 1: 2 Ngoma 15:8-19
No. 2: Abakirisu bose bategerezwa kuba abasuku (td 40A)
No. 3: Dukwiye kugaragaza gute urupfasoni mu bijanye no gusenga Yehova?
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Ururirimbo rwa 55 (15)
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 15: Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryo mu 2011. Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’ishure. Nuce irya n’ino ivyiyumviro vyo mu rutonde rwo mu 2011 bikeneye gushimikwako ng’aho iwanyu. Niwibutse ibijanye n’uruhara rw’umuhanuzi w’inyongera. Nuremeshe bose kugira ubwira mu kwitwararika ibiganiro bashingwa, mu kugira uruhara mu kiganiro c’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya no mu gushira mu ngiro inama zitangwa ku ndwi ku ndwi zivuye mu gitabu Ishure ry’Ubusuku.
Imin. 15: “Nugakoreshe igihe cose.” Ibibazo n’inyishu. Nimugire umwerekano umwe canke ibiri mwisunze iciyumviro kimwe canke bibiri mu vyatanzwe.
Ururirimbo rwa 28 (169)