Woba wokwungukira ku kuba ufise icibare cawe?
1. Icibare cawe ni iki?
1 Icibare cawe ni iki? Mu mashengero usanga afise icibare kinini, icibare cawe ni icibare wigabira, kino kikaba gishobora kuba kiri hafi y’aho uba. Igitabu Twagizwe ishirahamwe, ku rupapuro rwa 103, gisigura giti: “Kuba ufise icibare kiri ahantu hakworohereza bizotuma ukoresha umwanya wose ushobora kumara mu busuku bwo mu ndimiro. Vyongeye, hari aho woshima gutumira uwundi mwamamaji ngo mukorane mu cibare cawe.”
2. Ni gute umuntu yokoresha icibare ciwe mu kwunganira ivyo kwamamaza mu mugwi?
2 Kwunganira ivyo kwamamaza mu mugwi: Igihe uronse icibare cawe hafi y’aho ukorera, urashobora kuja mu busuku mu masaha y’akaruhuko canke ugacayo ugodotse, kumbure mukajana n’uwundi mwamamaji akorera hafi y’aho wisumamwo. Igihe uronse icibare hafi y’i muhira, wewe n’umuryango wawe mwoshobora kworoherwa no kugikoreramwo mu gushinga intahe ku mugoroba. Ariko rero, igihe uba utagiye mw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro, birabereye ko usaba Yehova ubuyobozi mw’isengesho imbere y’uko utangura kwamamaza. (Flp. 4:6) Vyongeye, urakwiye kugira uburimbane hagati y’umwanya umara uriko urakorera mu cibare cawe n’umwanya umara uriko urashigikira intunganyo z’ishengero zo kwamamaza mu mugwi. Canecane mu mpera z’imishamvu, igihe benshi baba baje mu kiganiro co gusohoka mu ndimiro, ni vyiza cane ko ushigikira umugwi urimwo wo gusohoka mu ndimiro.
3. Ni ivyiza ibihe biva ku kuba umuntu afise icibare ciwe?
3 Ivyiza bivamwo: Niba ufise icibare cawe, urafise ahantu woja kwamamaza igihe cose urutonde rwawe rubigukundiye. Urashobora gukoresha umwanya mwinshi mu kwamamaza, ugakoresha muke mu kuja mu cibare. Ivyo birafasha bamwebamwe gukora ubutsimvyi bwo gufasha canke ubutsimvyi busanzwe. Kubera ko ababa berekanye ugushimishwa baba ari abo muri iyo micungararo nyene, biroroha cane kugira amasubirayo no kuyobora inyigisho za Bibiliya. Abatari bake basanze kwamamaza mu vyibare vyabo bituma bamenyana n’abaho kandi bigatuma babizigira, canecane igihe baba bashobora gukorera muri ivyo vyibare incuro irenga imwe imbere y’uko babisubiza ngo bihabwe abandi. Gukorera mu cibare cawe vyoba vyogufasha wewe n’umuryango wawe kurushiriza kurangura ubusuku bwanyu bimwe bishitse?—2 Tim. 4:5.