Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza mu mezi ya Nyakanga na Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Munyonyo na Kigarama: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? canke udupapuro tw’inkuru nziza dukurikira: Ni Nde vy’Ukuri Atwara Isi?, Ugucumukura kwose kugiye kurangira, canke Woba ushaka kumenya ukuri?
◼ Insiguro idasanzwe izoshikirizwa mu kiringo c’Icibutso co mu 2014 izoshikirizwa mu ndwi yo ku wa 21 Ndamukiza. Umutwe-shimikiro w’iyo nsiguro uzomenyeshwa hanyuma. Amashengero azoba yagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko canke azoba afise iteraniro kuri iyo mpera y’umushamvu, azoshikirizwa iyo nsiguro idasanzwe ku ndwi ikurikira. Nta shengero na rimwe rikwiye kuzoshikirizwa iyo nsiguro imbere yo ku wa 21 Ndamukiza.