Ivyabonywe
◼ Muri Ostraliya: Uwitwa John, akaba ari umugabo yize, yaraja gusenga akiri umwana ariko yahavuye aba umuhakanamana akomeye. Hari umutsimvyi yamusigiye agatabu Vyoba vyararemwe? maze asubiye kumugendera aca amusigira ka gatabu kavuga ngo Origine de la vie. Uwo mutsimvyi yarabandanije gutsimbataza ugushimishwa kwiwe mu kuguma amuzanira ibinyamakuru vyaba biheruka gusohoka akongera akamwereka ikiganiro ico ari co cose caba kivuga ibijanye n’irema canke ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Igihe yabona ko John ageze gutera iyindi ntambwe, yaramuhaye igitabu La Bible :Parole de Dieu ou des hommes ? John amaze gusoma ico gitabu yaciye avuga ko ivyiyumviro vyiwe vyo kutemera Imana bitanguye guhinduka. Uwo mutsimvyi yaciye yereka John igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, aramwereka ingingo ya 8 ku rupapuro rwa 20 be n’ingingo ya 13-16 ku rupapuro rwa 23-24. Ivyanditswe bitangwa muri ayo mayagwa vyaratangaje cane John ku buryo yavuze ati: “Kumbure ndakeneye guha Bibiliya akandi karyo.”
◼ Muri Megizike: Umugabo umwe yarabwiye umwamamaji umwe yuko atemera ko Bibiliya yahumetswe n’Imana. Uwo mwamamaji yaramusavye ko yomwereka ikimenyamenya cerekana ko Bibiliya yahumetswe. Inyuma y’aho bayagiye nka kangahe, uwo mugabo yaratanguye gukorwa ku mutima n’ivyo yariko ariga muri Bibiliya. Yarakozwe ku mutima canecane igihe yiga ibijanye n’ingingo mfatirwako z’Imana. Yabwiye uwo mwamamaji ati: “Kare igihe jewe nawe twaba turiko turasomera hamwe Bibiliya, wamenga ni impanuro nk’izindi zitangwa mu kindi gitabu ico ari co cose kandi ntiyagira ico ikoze kuri jewe. Ariko ubu igihe turiko turayisoma, canecane igihe dusomye impanuro itanga ku bijanye n’inyifato runtu, umutima wanje uca ukubita.”
◼ Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika: Igihe umugabo n’umugore umwe bubakanye bariko baragira uruhara muri ya ntunganyo idasanzwe yo kwamamaza mu bisagara bininibinini birimwo uruja n’uruza, barabonye umugore umwe ava muri Tayiwani yemera Imana ariko yiyumvira ko Bibiliya ari iy’Abanyaburaya. Yaregereye akantu kariko ibisohokayandikiro kubera ko yumva yihebuye naho yari afise ubuzima bwiza. Yari yizigiye ko Bibiliya yomufashije kumenya intumbero y’ubuzima. Uwo mugabo n’umugore baratanguye kwiga na we bakoresheje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha be n’agatabu La paix et le bonheur durables :comment les trouver. Aho kwiga ikigabane ca 2 co muri ico gitabu, baganiriye ku gihimba co muri ako gatabu kivuga ngo “Un guide bénéfique pour tous les humains.” Bamaze kurimbura ingingo zitandatu za mbere zo muri ico gihimba, uwo mugore yaravuze ko atangajwe n’ukuntu Bibiliya idasanzwe uyigereranije n’ibindi bitabu bivuga ivy’idini. Bamaze kurimbura ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwarangutse, yavuze ati: “Nibaza ko ata kindi gitabu kitagira amakosa nka Bibiliya kibaho!”
◼ Mu Buyapani: Naho umunyamuhana umwe yabwiye umwamamaji ko atemera Imana, uwo mwamamaji yarabandanije kuza arahicisha, akamwereka vya biganiro vyo muri Be maso! bivuga ngo “Vyoba vyariyadukije?” Buhorobuhoro, uwo mugabo yarahinduye ukuntu abona ibintu maze aratangura kwemera ko hashobora kuba hariho Umuremyi. Ubu aremera ko Imana iriho, kandi bariga n’uwo mwamamaji mu gatabu Inkuru nziza iva ku Mana.
◼ Muri Kanada: Hari mushiki wacu umwe yahaye ibinyamakuru vyaheruka gusohoka umugore umwe yari asohotse agiye ku modoka yiwe. Igihe uwo mushiki wacu yagaruka kumugendera, uwo mugore yaravuze ashikamye ko atashimishijwe kandi ko atemera Imana. Uwo mushiki wacu yafashe ingingo yo kudatana n’akabando ahubwo ahitamwo kumuzanira agatabu Une vie pleinement satisfaisante :Comment ? Igihe uwo mushiki wacu yasanga uwo mugore i muhira, yaramubwiye ko naho yari azi yuko atemera Imana, yari yamwiyumviriye kubera ko yari azi yuko uwo mugore yari yireranye abana. Yareretse uwo mugore ingingo ya 6 ku rupapuro rwa 4 rw’ako gatabu, iyivuga aho umuntu yokura impanuro ngirakamaro. Yaciye amuremesha gusoma ivyiyumviro biri ku cigwa ca 2 vyerekeye ivyo kurera abana. Uwo mugore yarakiriye ako gatabu ahimbawe.