Ingene amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro yoshitsa intumbero yayo
1. Amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro agirwa ku bw’intumbero iyihe?
1 Igihe kimwe, Yezu yarakoranije 70 mu bigishwa biwe imbere y’uko baja mw’isekeza ryo kwamamaza. (Luka 10:1-11) Yarabaremesheje mu kubibutsa ko batobaye ari bonyene kandi ko boyobowe na wa “Mukuru w’iyimbura,” Yehova. Yarabahaye kandi ubuyobozi bokwisunze mu gukora ico gikorwa, yongera arabagabura “babiribabiri.” Muri kino gihe, amakoraniro tugira imbere yo kuja mu ndimiro agirwa ku bw’iyo ntumbero nyene, ni ukuvuga kuturemesha, kuturonsa ubuyobozi, no kuturonsa abo tujana.
2. Ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro rikwiye kumara umwanya ungana iki?
2 Ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro ryahora rimara iminuta iri hagati ya 10 na 15, harimwo kugabura, gutanga ivyibare, n’isengesho. Ivyo ubu bigiye guhinduka. Kuva muri Ndamukiza, ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro rizohora rimara iminuta iri hagati ya 5 na 7. Yamara, iryo koraniro ribaye inyuma y’amakoraniro y’ishengero, rikwiye kumara iminuta iri munsi y’iyo, kubera ko ababa baririmwo baba basanzwe bahejeje kuganira ku Vyanditswe. Igihe amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro amaze umwanya mutoyi biratuma bose bashobora kumara umwanya wiyongereye mu busuku. N’ikindi kandi, igihe abatsimvyi canke abamamaji batanguye kwamamaza imbere y’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro, ivyo bizotuma batamara umwanya muremure bahagaritse kwamamaza.
3. Amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro akwiye gutunganywa gute kugira ngo agirire akamaro abamamaji?
3 Amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro akwiye gutunganywa ku buryo agirira akamaro cane abamamaji. Mu mashengero menshi usanga bifasha cane iyo amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro abereye mu migwi, aho kuyagirira hamwe. Ivyo biratuma abamamaji boroherwa no gushika ahabera iryo koraniro, kumbure no mu cibare. Kubera abamamaji baba ari bakeyi, bagaburwa mu mwanya mutoyi kandi biratuma abahagarikiye imigwi boroherwa no kwitwararika abo bajejwe. Inama y’abakurambere yorimbura ukuntu ivyabo vyifashe maze igahitamwo icobabera ciza kuruta. Imbere y’uko iryo koraniro rirangizwa n’isengesho rigufi, abari aho bose bakwiye kuba bazi aho bakorera n’abo baza kujana.
4. Ni kubera iki amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro akwiye kubonwa ko ahambaye cokimwe n’ayandi makoraniro?
4 Arahambaye nk’ayandi makoraniro: Kubera ko abungukira ku makoraniro yo gusohoka mu ndimiro ari ababa bagomba kuja mu busuku, usanga atitabwa n’ishengero ryose. Yamara, ivyo ntibisigura ko akwiye gufatwa minenerwe canke kubonwa ko adahambaye uyagereranije n’ayandi makoraniro. Cokimwe n’ayandi makoraniro yose, amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro ni intunganyo Yehova yashizeho idufasha kuvyuriranira ugukundana n’ibikorwa vyiza. (Heb. 10:24, 25) Ku bw’ivyo, uwuhagirikira ikiganiro akwiye kwitegura neza kugira ngo gitere iteka Yehova kandi kigirire akamaro abacitavye. Nimba bishoboka, abamamaji bakwiye kwigora bakitaba iryo koraniro.
Amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro ntakwiye gufatwa minenerwe canke kubonwa ko adahambaye uyagereranije n’ayandi makoraniro
5. (a) Umucungezi w’umurimo yotunganya gute amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro? (b) Mushiki wacu yohagarikira gute ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro?
5 Ingene uwuhagarikira yokwitegura: Kugira ngo umuntu yitegurire neza gushikiriza ikiganiro ku makoraniro, arakeneye kumenya imbere y’igihe ko afise ico kiganiro. Ukwo ni ko bimeze no ku makoraniro yo gusohoka mu ndimiro. Ego ni ko, igihe ayo makoraniro abera mu migwi, usanga ahagarikirwa n’abacungezi b’imigwi hamwe n’abafasha babo. Yamara, igihe ishengero rigiriye hamwe iryo koraniro, umucungezi w’umurimo aragena uwurihagarikira. Hari abacungezi b’umurimo baha urutonde abahagarikira iryo koraniro bose, urundi rukamanikwa ku kibaho c’amatangazo. Umucungezi w’umurimo arakwiye gukoresha ubukerebutsi igihe agena abahagarikira, akagumiza ku muzirikanyi ko akamaro k’iryo koraniro kavana n’ukuntu uwurihagarikira yigisha be n’ubuhanga akoresha mu kugabura. Igihe ata mukurambere, umukozi w’ishengero, canke uwundi muvukanyi yabatijwe akwije ibisabwa yoboneka ngo ahagarikire ikiganiro ku misi imwimwe, umucungezi w’umurimo yogena mushiki wacu yabatijwe abishoboye ngo ahagarikire.—Raba ikiganiro kivuga ngo “Igihe mushiki wacu ari we ategerezwa guhagarikira ikiganiro.”
6. Kubera iki bihambaye ko uwashinzwe guhagarikira ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro yitegura neza?
6 Iyo duhawe ikiganiro mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi canke mw’Ikoraniro ry’umurimo, turagifatana uburemere kandi tukagitegura neza. Nta n’umwe muri twebwe yorindira gushika ariko araja ku makoraniro akaba ari ho atangura kwiyumvira ivyo aza kuvuga. Ukwo ni ko bikwiye kumera n’igihe umuntu yashinzwe kuyobora ikiganiro co gusohoka mu ndimiro. Kubera ko ubu ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro rizomara umwanya mutoyi, kwitegura neza birahambaye cane kugira ngo ribe ngirakamaro kandi rihere ku gihe. Mu kwitegura neza harimwo no kuba uzi imbere y’igihe icibare mukoreramwo.
7. Ni ibintu bimwebimwe ibihe uwuhagarikiye ikiganiro yohitamwo ko baganirako?
7 Ivyoganirwako: Kubera ko ivyibare vyose bitameze kumwe, umushumba w’umwizigirwa ntiyateguye urucacagu rwokoreshwa muri buri koraniro ryo gusohoka mu ndimiro. Mu ruzitiro ruvuga ngo “Ivyo mwoshobora kuganirako mw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro” harerekanwa ibintu bitandukanye mwoganirako. Muri rusangi, iryo koraniro rigirwa mu buryo bwo guhanahana ijambo. Rimwe na rimwe, hoshobora kujamwo umwerekano wateguwe neza canke hakerekanwa ividewo yo kuri jw.org ijanye n’ubusuku. Igihe uwuhagarikira iryo koraniro ariko aritegura, akwiye kwiyumvira ibintu vyoremesha abaja mu busuku kuri uwo musi kandi bikabaronsa ubuyobozi bakeneye.
Igihe uwuhagarikira ikoraniro ariko aritegura, akwiye kwiyumvira ibintu vyoremesha abaja mu busuku kuri uwo musi kandi bikabaronsa ubuyobozi bakeneye
8. Ni ibintu ibihe vyoba ngirakamaro cane mubiganiriyeko mu makoraniro yo gusohoka mu ndimiro ku misi ya gatandatu no ku misi ya mungu?
8 Nk’akarorero, ku misi ya gatandatu abamamaji benshi usanga batanga Umunara w’Inderetsi na Be maso! Benshi mu basohoka ku wa gatandatu usanga badasohoka mu ndwi hagati, rero bashobora kuba batibuka uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru bimenyereje mu Gusenga kwo mu muryango. Ku bw’ivyo, vyoba ngirakamaro uwuhagarikiye ikiganiro yihweje bumwe mu buryo bwo gushikiriza ibinyamakuru butangwa ku rupapuro rwa nyuma rw’Igikorwa dukorera Ubwami. Canke na ho, akaganira n’abitavye ikiganiro ukuntu mu majambo yo gushikiriza ibinyamakuru boshiramwo amakuru avugwa aho iwanyu, ikintu cabaye, canke umusi mukuru kanaka. Kibure mukaganira ivyo umuntu yobwira umunyamuhana yakiriye ibinyamakuru, mu gucira inzira isubirayo. Nimba hari abari muri ico kiganiro baza baramaze gutangura gutanga ibinyamakuru muriko murashikiriza, uwuhagarikiye ikiganiro yoshobora kubasaba guterera ivyiyumviro muri make canke kwigana ivyabonywe biremesha. Ku misi ya mungu, uwuhagarikiye ikiganiro yoshobora guhitamwo kubigenza nk’uko ku bisohokayandikiro biba biriko birashikirizwa muri ukwo kwezi. Ibisohokayandikiro vy’ukwiga, nk’agatabu Inkuru nziza na Niwumvirize Imana hamwe n’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha vyoshobora gushikirizwa ku musi uwo ari wo wose. Rero uwuhagarikiye ikiganiro yoshobora kurimbura muri make ukuntu kimwe muri ivyo bisohokayandikiro coshikirizwa.
9. Ni ibiki mwoganirako mu mpera y’umushamvu igihe muri mw’isekeza ridasanzwe?
9 Igihe ishengero riba ririko riragira isekeza ridasanzwe mu mpera y’umushamvu, uwuhagarikira ikiganiro yoshobora kurimbura ukuntu hotangwa ibinyamakuru biba biriko birashikirizwa biri kumwe n’ubutumire canke agapapuro k’inkuru nziza, kibure akarimbura icokorwa igihe umuntu ashimishijwe. Canke na ho yoshobora kuvuga ivyabonywe vyerekana akamaro k’ayo masekeza.
10, 11. Ni kubera iki bihambaye ko abamamaji bitegura kugira ngo ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro rigende neza?
10 Ingene abamamaji bokwitegura: Abamamaji na bo nyene barafise ico baterera kugira ngo ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro rigende neza. Igihe biteguriye ubusuku imbere y’igihe, kumbure mu kiringo c’ugusenga kwo mu muryango, bazoronka ico bavuga coremesha abandi bamamaji. Kwitegura neza kandi birimwo no gutora ibinyamakuru, ibitabu be n’ibindi bokenera imbere y’uko bashika kw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro kugira ngo bose bace baja mu vyibare badatebaganye.
11 Birahambaye kandi ko umuntu ategekanya gushika ku kiganiro hagisigaye iminuta nk’ingahe ngo gitangure. Ego ni ko, turihatira kudacerwa ku makoraniro yose y’ishengero. Ariko, igihe dushitse twacerewe ku makoraniro yo gusohoka mu ndimiro, hoho birahungabanya urutonde cane. Uti gute? Umuvukanyi ahagarikiye ikiganiro ararimbura ibintu bitari bike imbere yo kugabura. Igihe hari abamamaji bakeyi, yoshobora guhitamwo kubarungika bose gusozera icibare kanaka. Igihe hari abamamaji badafise uburyo bwo kwiyunguruza kandi icibare kikaba kiri kure, yoshobora kubagaburana n’abafise amakinga canke ubundi buryo bwo kwiyunguruza. Igihe icibare bakoreramwo usanga cirayemwo ubugizi bwa nabi, yoshobora kugabura abavukanyi bakajana na bashiki bacu canke abo bavukanyi bagakorera hafi y’abo bashiki bacu. Abamamaji bafise ubumuga barashobora guhabwa gukorera ahantu hataduga. Abamamaji bashasha boshobora kugaburanwa n’ababimenyereye. Ariko rero, igihe hari abamamaji bacerewe, akenshi biraba ngombwa ko basubira kugaburwa bushasha kugira abo bacerewe baronke abo bajana. Ego ni ko, rimwe na rimwe kocamwo hakaba imvo zumvikana zotuma ducerwa. Yamara, hamwe twoba dufise akamenyero ko kwama twacerewe, turakwiye kwibaza nimba bitegwa n’uko tudafatana uburemere amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro canke biterwa n’uko tudatunganya ivyacu imbere y’igihe.
12. Nimba akenshi uhora wironderera uwo mujana, ni ibiki wokora?
12 Mu bamamaji baba baje mu kiganiro hari aboshobora kuba bamaze kuvugana ko baza kujana imbere y’uko ikiganiro gitangura, canke bakaba barahawe uwo bajana. Nimba akenshi uhora wironderera uwo mujana, ubona gute ‘wagutse’ ugakorana n’abamamaji batandukanye aho kwama ujana n’abagenzi bawe somambike gusa? (2 Kor. 6:11-13) Woba woshobora kuza uracishamwo ugakorana n’abamamaji bashasha kugira ngo ubafashe kuryohora ubuhanga bwabo bwo kwigisha? (1 Kor. 10:24; 1 Tim. 4:13, 15) Niwumvirize witonze ubuyobozi bwose uhabwa, harimwo n’ubujanye n’aho uza kwamamaza. Ikiganiro giheze, niwirinde kugira ivyo uhinduye ku kuntu ibintu vyatunganijwe kandi uce uja mu cibare udatebaganye.
13. Igihe umwe wese yitwararitse gushitsa uruhara rumwega, amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro azotugirira akamaro gute?
13 Ba bigishwa 70 Yezu yagabura, “bagaruka[nye] akanyamuneza” bavuye kwamamaza. (Luka 10:17) Nta gukeka ko ikiganiro Yezu yabagirishije imbere y’uko baja kwamamaza catumye bererwa. No muri iki gihe, amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro aravamwo ivyiza nk’ivyo. Igihe umwe wese yitwararitse gushitsa uruhara rumwega, amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro azoba ayaremesha, aturonse ubuyobozi dukeneye yongere atume dushobora gushitsa ibanga twajejwe ryo gushinga “intahe ku mahanga yose.”—Mat. 24:14.