Nureke ububasha bw’Ijambo ry’Imana bugire ico bukoze ku busuku bwawe
Igihe umuntu aduhaye akanya ko kumubwira inkuru nziza, turakoresha neza ako kanya, tukareka Ijambo ry’Imana rikagira ico rikoze mu kumusomera ivyanditswe muri Bibiliya. Ivyo vyarashimitsweko kw’iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe twagize mu mwaka w’umurimo uheze. Umucungezi w’umuzunguruko yarashikirije insiguro yavuga ngo “Nureke ububasha bw’Ijambo ry’Imana bugire ico bukoze ku busuku bwawe.” Woba wibuka ivyiyumviro nyamukuru vyashikirijwe muri iyo nsiguro?
Ni kubera iki ijambo rya Yehova rifise ububasha bwinshi kuruta amajambo yacu?—2 Tim. 3:16, 17.
Ni gute Bibiliya ikabura inyiyumvo, isena ivyiyumviro, ityorora imvo dukorana ibintu, kandi igatuma duhindura ukuntu twigenza?—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2012, rup. 27, ing. 7.
Igihe mu busuku dusomeye umuntu icanditswe, ni gute twokwegera ivyiyumviro vyiwe kw’Ijambo ry’Imana mu buryo butuma aryubaha?—Raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, rup. 148, ing. 3-4 n’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ntwarante 2013, rup. 6, ing. 8.
Ni kubera iki bihambaye ko dusigura ivyanditswe tuba twasomye tukongera tugafasha umuntu kubizirikanako, kandi ivyo twobigira gute?—Ivyak. 17:2, 3; raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, kuva rup. 154, ing. 4 gushika rup. 156, ing. 4.