ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb23 Ntwarante rup. 3
  • Ingene twofasha ahateye ibiza n’isibe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twofasha ahateye ibiza n’isibe
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ivyo bijanye
  • Mwoba mufasha igihe hateye ivyago?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ubusuku bwo gutabara
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Ibikorwa vyo gutabara vyabaye mu 2023: «Twariboneye ukuntu Yehova adukunda»
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Twofasha gute?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
mwb23 Ntwarante rup. 3

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ingene twofasha ahateye ibiza n’isibe

Ibiza n’isibe biriraye muri iki gihe. Igihe biteye, birakenerwa ko ivyo gutanga imfashanyo bitunganywa neza kandi bigahagarikirwa mu buryo bwiza. Ku bw’ivyo, Inama Nyobozi yarashizeho Urwego rujejwe gutabara ku biro vy’amashami vyose.

Igihe abavukanyi bo muri urwo rwego bumvise ahateye ikiza n’isibe, baca bihutira kuyaga n’abakurambere bo muri ako karere kugira bamenye ivyo abamamaji bakeneye. Igihe hononekaye ibintu vyinshi ku buryo abamamaji bo muri ako karere batabona ingene bovyifatamwo, ibiro vy’ishami bica bigena abavukanyi babishoboye bahagarikira igikorwa co gutabara. Abo bavukanyi boshobora gusaba ko hagira abitanga, canke ko hotangwa intererano zigizwe n’ibintu kanaka, canke bakagura ibintu bikenewe muri ako karere katewe n’icago kugira babitange.

Gutunganya ibintu muri ubwo buryo birimwo ivyiza vyinshi. Bituma igikorwa coroha, ntihabe akajagari, ntihabe no gusesagura imfashanyo n’ibikoresho, ivyo bikaba vyoshika igihe abavukanyi bakoze ibintu ku giti cabo.

Abavukanyi bagenywe n’ibiro vy’ishami boshobora kuraba amahera akenewe uko angana be n’igitigiri c’abokwitanga muri ico gikorwa co gutabara. Barashobora kandi kuvugana n’abategetsi bo muri ako karere, abo akenshi bashobora kudufasha kunyarutsa igikorwa co gutabara. Rero nta bakwiye kwibwiriza kwegeranya intererano, kurungika imfashanyo canke kuja mu karere katewe n’icago kiretse babisabwe.

Ariko rero turipfuza gufasha igihe ibiza n’isibe biteye. (Heb 13:16) Turakunda abavukanyi bacu. None twobigenza gute? Ikintu gihambaye kuruta ibindi twokora ni ugusenga dusabira abatewe n’ico cago be n’abari mu gikorwa co gutabara. Turashobora kandi gutanga intererano ku bw’igikorwa co kw’isi yose. Ibiro vy’amashami bihagarikiwe n’Inama Nyobozi ni vyo bishobora kumenya neza aho izo ntererano zoba ngirakamaro kuruta. Igihe na ho twipfuza kwitanga gufasha, twoshobora kumenyesha ko tuvyiteguriye mu kwuzuza ifomu Gusaba kwitanga mu bwubatsi ku rwego rw’igihugu (DC-50).

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO UMWUZURIRE WATEYE MURI BREZILE, MUCE MWISHURA IKI KIBAZO:

Ifoto yakuwe mw’ividewo “Umwuzurire wateye muri Brezile.” Ifoto yafatiwe mu kirere yerekana amazu n’ibiti vyarengewe n’umwuzurire wateye muri ako karere.

Ni igiki kigukora ku mutima ku bijanye n’utwigoro Ivyabona vya Yehova bagize two gutabara inyuma y’umwuzurire wateye muri Brezile mu 2020?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika