INGENE WOKWIYIGISHA
Nutegure inyishu ziremesha
Ku makoraniro yacu, turaterwa agateka ko kuremesha abavukanyi bacu biciye ku nyishu dutanga. (Heb. 10:24, 25) Ni ibiki none vyodufasha gutegura inyishu ziremesha abandi vy’ukuri?
Nusenge Yehova. Numusabe agufashe gutanga inyishu zimutera iteka kandi ziremesha abandi.—Zab. 35:18.
Niwishure mu majambo yawe bwite aho gusoma ibiri mu gitabu. Niwishura mu majambo yawe bwite, abandi bazokorwa ku mutima no kwumva ingene userura ukwizera kwawe.
Nutange inyishu ngufi. Inyishu ngufingufi kandi zoroshe ni zo akenshi usanga ziremesha cane, zigatuma n’abatari bake baronka ijambo.—Imig. 10:19.
Nutange inyishu zitababaza abandi. Igihe uriko urishura, niwirinde guhanura canke kunebagura umuvukanyi kanaka canke ishengero.
Woshobora kuremesha abandi mbere n’igihe utaba waronse ijambo. Ivyo wobigira mu kwumviriza witonze inyishu batanga, hanyuma ukabashimira.—Imig. 10:21.