ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 106
  • Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umwigisha wanje ararenganya
  • Ibintu vyogufasha
  • Ingene woganira n’umwigisha wawe
  • Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Wa Mwigisha Ahambaye yarakorera abandi bantu
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 106
Umwigisha ariko akarira umunyeshure yigisha mw’ishure.

URWARUKA RURIBAZA

Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?

  • Umwigisha wanje ararenganya

  • Ibintu vyogufasha

  • Ingene woganira n’umwigisha wawe

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Umwigisha wanje ararenganya

Abanyeshure nka bose, usanga bafise umwigisha babona ko arenganya, abasaba ibirenze canke asa n’uwufise umutima mubi.

  • Luis w’imyaka 21, avuga ati: “Nari mfise umwigisha yama akoresha amajambo ababaza kandi agafata nabi abanyeshure biwe. Kubera ko yari mu gukukuruka, biboneka ko yibaza yuko ukwo kuntu yafata abanyeshure vyari gutuma atirukanwa.”

  • Melanie w’imyaka 25, aribuka ukuntu umwigisha yakunda kumurenganya. Yigana ati: “Yavuga ko amfata nabi kubera ko ntasengera mw’idini rikomeye. Yambwiye ko ntegerezwa kumenyera gufatwa nabi.”

Nimba ufise umwigisha agoye, hari ibintu wokora kugira bikugendere neza kw’ishure. Nugerageze ibintu bikurikira.

Ibintu vyogufasha

  • Nuhuze n’ukuntu ibintu vyifashe. Abigisha bitega ibintu bitandukanye ku banyeshure babo. Nugerageze gutahura ico umwigisha wawe akwitezeko, uce ugerageza kugikora.

    Ingingo ngenderwako: “Umuntu w’inkerebutsi azokwumviriza aronke inyigisho yiyongereye, kandi umuntu afise ugutegera ni we aronka ubuyobozi bw’ubuhanga.”​—Imigani 1:5.

    “Naratahuye ko mbwirizwa kumenya ivyo umwigisha wanje akunda. Rero naragerageje uko nshoboye ndakora ibikorwa yaduha nk’uko yabishaka. Ivyo vyatumye binyorohera kwumvikana na we.”​—Christopher.

  • Nugaragaze icubahiro. Nugerageze kuvugisha neza abigisha bawe. Ntukigere ubishura nabi naho boba bari mu makosa. Niwibuke yuko mutangana ahubwo ko uri umunyeshure wabo.

    Ingingo ngenderwako: “Imvugo yanyu yamane igikundiro, irunze umunyu, kugira ngo mumenye ingene mubwirizwa kwishura umuntu wese.”​—Abakolosayi 4:6.

    “Abanyeshure ntibama bubaha abigisha nk’uko bibereye. Rero niwagira akigoro ko kwubaha abigisha bawe birashobora guhindura ukuntu na bo bagufata.”​—Ciara.

  • Nugerageze kubatahura. Abigisha na bo nyene ni abantu nk’abandi. Ivyo bisigura ko bahura n’ingorane hamwe n’ibibahagarika umutima cokimwe n’abandi bose. Rero ntiwihutire kuvuga ngo ‘umwigisha wanje afise umutima mubi’ canke ngo ‘aranyanka.’

    Ingingo ngenderwako: ‘Twese turatsitara.’​—Yakobo 3:2.

    “Kwigisha ntivyoroshe na gatoyi. Sinumva ukuntu bashobora gushira abana bose ku rutonde kandi bakabigisha. Nama nibwira ko nkwiye kworohereza umwigisha kugira sindamwongereze umuzigo.”​—Alexis.

  • Nubiyagire abavyeyi bawe. Abavyeyi bawe barashobora kugushigikira cane. Bipfuza ko uroranirwa kw’ishure. Kandi impanuro bakuronsa zirashobora kugufasha kubona ingene wovyifatamwo igihe wigishwa n’umwigisha agoye.

    Ingingo ngenderwako: “Imigambi irapfa ahatagira ikiyago c’akabanga.”​—Imigani 15:22.

    “Abavyeyi bawe barashikiwe n’ingorane nyinshi mu zimaze kugushikira kandi barazitorera umuti. Niwumvirize rero impanuro zabo. Zizogufasha kuroranirwa.”​—Olivia.

Ingene woganira n’umwigisha wawe

Mu bihe bimwebimwe, hari igihe vyokenerwa ko ubwira umwigisha wawe ingorane ufise. Nimba utinya ko mwohava muharira, niwibuke ko utagiye kumwumvisha ivyo yokora ahubwo ko ari ikiyago gusa. Wotangara usanze vyoroshe kandi hari ikivuyemwo.

Ingingo ngenderwako: “Nukurikirane ibiremesha amahoro.”​—Abaroma 14:19.

“Nimba hari umwigisha afata nabi wewe gusa, numubaze nimba hari ikibi wamukoreye. Inyishu azoguha irashobora kugufasha kubona aho wokosora.”​—Juliana.

“Vyoba vyiza muganiriye n’umwigisha wawe ibijanye n’ukuntu agufata kandi ukabigira utekanye. Nimuyage muri mwenyene, imbere canke inyuma y’ivyigwa. Hari aho yogutahura kandi akubaha ukuntu wavyifashemwo.”​—Benjamin.

INKURU Y’IVYABAYE

“Nariko ndonka amanota mabi kandi umwigisha nta na kimwe yariko aramfasha. Nipfuza guheba ishure kubera ko yandya umutima.

“Narabajije uwundi mwigisha ico nokora. Yambwiye ati: ‘Urya mwigisha ntakuzi kandi na wewe nta we uzi. Rero numubwire ko hari ibitagenda neza. Hari aho vyogirira akamaro abandi banyeshure batinya kumuyagisha.’

“Ntavyo nashaka kugira. Ariko narazirikanye ivyo yari yaravuze kandi kwari ukuri. Nimba nipfuza ko ibintu bihinduka nabwirizwa kugira ico nkoze.

“Umusi ukurikira, naregereye uwo mwigisha maze ndabigiranye icubahiro ndamubwira ko nkenguruka cane ukuntu atwigisha be n’uko nipfuza kurushiriza kumenya vyinshi. Ariko icigwa ciwe carangora kandi sinabona ico nokora. Yarambwiye ibintu bimwebimwe nokora yongera aremera kumfasha inyuma y’ivyigwa canke kuri e-mail.

“Naratangaye cane. Ico kiyago caratumye ndushiriza kwumvikana n’uwo mwigisha kandi ndoroherwa kw’ishure.”​—Maria.

Maria ariko araganira n’umwigisha wiwe inyuma y’ivyigwa.

Impanuro: Nimba hari umwigisha mudahuza, nubone ko ari akaryo ko kwiga ibintu bizogufasha niwakura. Katie w’imyaka 22, avuga ati: “Mbere n’igihe uzoba wararangije ishure, bizoshika uhure n’abagufiseko ubukuru bagufata nabi. Niwumvikana n’umwigisha agoye bizotuma ushobora kuvyifatamwo neza niwahura n’abandi bantu bagoye.”

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Jayza.

“Vyarashika umwigisha akanshavuza. Ariko mawe yaramfasha kuzirikana uko umwigisha yaba abona ibintu. Ivyo vyaramfasha kubona mu buryo bubereye ivyo niteze ku bigisha.”​—Jayza.

Victor.

“Kugira wubahe umuntu akuruta, si ngombwa ngo ube umukunda. Abigisha barakwiye icubahiro. Rero naho umwigisha yoba agoye, kumugaragariza icubahiro birashobora kugufasha cane. Birashobora no gutuma umwigisha ahindura ukuntu agufata.”​—Victor.

Julia.

“Nimba wigenza neza kandi ukubaha umwigisha naho yoba ameze nabi, uba ugaragaje ko wicisha bugufi kandi ko uri umuntu yubaha abandi. Vyoshobora gutuma umwigisha arushiriza kukwubaha kandi akagufata neza.”​—Julia.

Isubiramwo: Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?

  • Nuhuze n’ukuntu ibintu vyifashe. Nugerageze gutahura ivyo umwigisha akwitezeko uce wihatira kubikurikiza.

  • Nugaragaze icubahiro. Niwibuke ko uri umunyeshure. Rero nugerageze kuyagisha neza umwigisha wawe kandi ntumwishure nabi.

  • Nugerageze kubatahura. Abigisha bafise akazi karuhisha. Niwihatire kubihanganira.

  • Nubiyagire abavyeyi bawe. Barabanye n’abantu benshi rero barazi ukuntu wovyifatamwo mu bihe bitandukanye.

  • Nuganire n’umwigisha wawe. Nubaze umwigisha ico wokora utekanye, kandi udaharira na we. Numutomorere ko wipfuza yuko mwumvikana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika