ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 166
  • Amahera yoba ari umuzi w’ibibi vyose?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amahera yoba ari umuzi w’ibibi vyose?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico Bibiliya ibivugako
  • Amahera Bibiliya iyavugako iki?
  • Kubera iki Bibiliya itubuza gukunda amahera?
  • Impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’amahera zodufasha gute?
  • Amahera
    Be maso!—2014
  • Ingene ukwiye kubona amahera
    Be maso!—2015
  • Ushobora Gute Kugumana Uburimbane mu Kuntu Ubona Amahera?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Ingene mwokoresha neza amahera
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 166
Umuntu agira ayore ibifaranga.

Amahera yoba ari umuzi w’ibibi vyose?

Ico Bibiliya ibivugako

Oya. Bibiliya ntivuga ko amahera ari mabi, canke ngo ivuge ko ari yo ntandaro y’ibibi vyose. Imvugo dukunze kwumva ngo “amahera ni umuzi w’ibibi vyose” iranyuranye n’ivyo Bibiliya ivuga. Ahubwo Bibiliya ivuga yuko “gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose.”a​—1 Timoteyo 6:10, Bibiliya Yera, ni twe dushimitse.

  • Amahera Bibiliya iyavugako iki?

  • Kubera iki Bibiliya itubuza gukunda amahera?

  • Impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’amahera zodufasha gute?

  • Imirongo yo muri Bibiliya igira ico ivuze ku mahera

Amahera Bibiliya iyavugako iki?

Bibiliya iremeza ko amahera ashobora kutugirira akamaro hamwe twoyakoresha neza, mbere ‘akadukingira.’ (Umusiguzi 7:12) Vyongeye, Bibiliya iravuga neza abantu bafasha abandi, ivyo bikaba bishobora kujamwo no kubaha amahera.​—Imigani 11:25.

Ariko kandi, Bibiliya iratugabisha ku bijanye no gushira imbere amahera mu buzima bwacu. Igira iti: “Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera, mu gihe mubumbwa n’ibintu vy’iki gihe.” (Abaheburayo 13:5) Uwo murongo ushimika ku vy’uko dukwiye gushira amahera mu kibanza cayo, aho kwiruka inyuma y’amaronko. Ku bw’ivyo, dukwiye kubumbwa n’ivyo dukeneye koko, nk’ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro.​—1 Timoteyo 6:8.

Kubera iki Bibiliya itubuza gukunda amahera?

Abanyamwina ntibazoronka ubuzima budahera. (Abanyefeso 5:5) Impamvu imwe, ni uko umwina ari cokimwe no gusenga ikigirwamana, na kwo kukaba ari ugusenga kw’ikinyoma. (Abakolosayi 3:5) Iyindi mvo, ni uko umuntu w’umunyamwina yirengagiza ingingo ngenderwako kugira ngo aronke ico yipfuza. Mu Migani 28:20 havuga ko ‘abihutira kuronka ubutunzi batazoguma ari intungane.’ Boshobora no kugwa mu vyaha, nko kugira iterabwoba, kunyaga, kugira forode, kunyuruza canke kwica.

N’igihe ugukunda amahera bitotuma dukora ivyaha, vyoshobora kutugirako ingaruka mbi. Bibiliya ivuga ko “abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu kigeragezo no mu mutego no mu vyipfuzo vyinshi vy’ubupfu.”​—1 Timoteyo 6:9.

Impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’amahera zodufasha gute?

Nitwirinda kurondera amahera mu gukora ibintu tuzi ko ari bibi kandi bidashimisha Imana, tuzoba abantu bubahwa kandi bashimwa n’Imana. Abihatira gushimisha Imana, ibasezeranira iti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.” (Abaheburayo 13:5, 6) Idukura kandi amazinda iti: “Umuntu w’ibikorwa vy’ubwizigirwa azoronka imihezagiro myinshi.”​—Imigani 28:20.

Imirongo yo muri Bibiliya igira ico ivuze ku mahera

Umusiguzi 7:12: “Amahera a[ra]kingira umuntu.”

Ico bisobanura: Amahera arashobora kugirira akamaro uwuyakoresha neza, kuko atuma yumva atekaniwe ku rugero kanaka.

Luka 12:15: “No mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.”

Ico bisobanura: Amahera si yo ahambaye mu buzima, kandi si yo azotuma turonka ubuzima budahera.

1 Timoteyo 6:10: “Urukundo rw’amahera [ni] umuzi w’ibibi vy’ubwoko bwose, kandi mu kurondera gushikira urwo rukundo bamwe barahubijwe bava ku kwizera, bitobekeranisha hose imibabaro myinshi.”

Ico bisobanura: Amahera ubwayo si mabi. Ariko abantu bakunda amahera bakayashira imbere mu buzima, barikwegera ingorane, nk’ugusambuka kw’ingo canke bakarwara indwara ziterwa n’umuruho.

Abaheburayo 13:5: “Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera, mu gihe mubumbwa n’ibintu vy’iki gihe.”

Ico bisobanura: Aho kwiruka inyuma y’ubutunzi, vyoba vyiza tubumbwe n’ivya nkenerwa mu buzima.

Matayo 19:24: “Biroroshe ku ngamiya guca mu zuru ry’urushinge kuruta kwinjira mu bwami bw’Imana ku mutunzi.”

Ico bisobanura: Yezu yari ahejeje gusaba umusore w’umutunzi ngo amukurikire. Uwo musore yaravyanse kuko yumva ko atovirira amatungo yiwe. Yezu rero yariko atanga ingabisho. Umuntu ashira imbere amatungo aho gushira imbere ivy’Imana, arahakwa kutaronka ubuzima budahera.

a Uwo murongo kandi wahinduwe ngo: “Urukundo rw’amahera [ni] umuzi w’ibibi vy’ubwoko bwose.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika