Ku wa gatandatu, 17 Rusama
So wawe na nyoko wawe bazohimbarwa.—Imig. 23:25.
Igihe umwami Yehowasi yari akiri muto, yarafashe ingingo nziza. Kubera ko atagira se, yisunga ubuyobozi yahabwa na Yehoyada, umuherezi mukuru w’umwizigirwa. Uwo muherezi yigisha Yehowasi nk’aho yari umwana wiwe bwite. Ivyo vyahavuye bituma Yehowasi afata ingingo nziza yo kuja imbere abandi mu gusenga kw’ukuri no mu gukorera Yehova. Yehowasi yaranatunganije mbere ivyo gusanura urusengero rwa Yehova. (2 Ngo. 24:1, 2, 4, 13, 14) Nimba hari uwuriko arakwigisha gukunda Yehova no kubaho wisunga ingingo ngenderwako ziwe, uwo muntu ariko arakuronsa ikintu c’agaciro. (Imig. 2:1, 10-12) Abavyeyi bawe barashobora kukumenyereza mu buryo butandukanye. Niwakurikiza impanuro zishingiye kuri Bibiliya abavyeyi bawe baguha, bizotuma banezerwa. N’igihambaye kuruta uzonezereza Yehova wongere ugiranire ubugenzi somambike na we. (Imig. 22:6; 23:15, 24) Ivyo none ntibikwiye gutuma wigana akarorero ka Yehowasi igihe yari akiri muto? w23.09 8-9 ing. 3-5
Ku wa mungu, 18 Rusama
[Nzobumviriza].—Yer. 29:12.
Yehova adusezeranira kwumviriza amasengesho yacu. Kubera ko Imana yacu ikunda abasavyi bayo b’intahemuka, ntiyigera yirengagiza amasengesho yabo. (Zab. 10:17; 37:28) Naho ari ukwo, ntibisigura ko ica iduha ibintu vyose tuyisavye. Ibintu bimwebimwe dusaba vyoshobora gushika ntitubironke muri iki gihe, kiretse mw’isi nshasha. Yehova araraba nimba amasengesho yacu ahuye n’umugambi wiwe. (Yes. 55:8, 9) Kimwe mu bigize umugambi wiwe ni uko isi yuzura abantu bunze ubumwe, bahimbawe kandi bamuyobokera. Ariko Shetani avuga ko abantu borushiriza guhimbarwa ari uko bitegeka. (Ita. 3:1-5) Kugira ngo Yehova abeshuze Shetani, yarahaye abantu umwanya wo kwitegeka. Ariko rero intwaro z’abantu ni zo zakweze ingorane nyinshi tubona muri iki gihe. (Umus. 8:9) Turazi ko Yehova atazokuraho izo ngorane zose muri iki gihe. w23.11 21 ing. 4-5
Ku wa mbere, 19 Rusama
Nkugize se w’amahanga menshi.—Rom. 4:17.
Yehova yasezeranye ko amahanga menshi yohezagiwe biciye kuri Aburahamu. Ariko igihe Aburahamu yari afise imyaka 100, Sara na we 90, umwana bari barasezeraniwe ntiyari bwaboneke. Ufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, vyasa n’ibidashoboka ko Aburahamu na Sara bibaruka umwana. Ivyo vyabereye Aburahamu ikigeragezo gikomeye. Ariko «yarishimikije icizigiro arizera ko yobaye se w’amahanga menshi.» (Rom. 4:18, 19) Kandi ico cizigiro cararangutse. Wa mwana bari bamaze igihe kirekire bizigiye yaravutse. Yitwa Izahaki. (Rom. 4:20-22) Turashobora gushimwa n’Imana kandi tukitwa abagororotsi tukaba abagenzi b’Imana nka Aburahamu. Ivyo Pawulo yaravyerekanye mu kwandika ati: «Ayo majambo ngo “abonwa ko ari”, si we gusa yandikiwe, ahubwo yandikiwe na twebwe. Natwe tuzobonwa ko turi abagororotsi kuko twizera umwe yazura Yezu.» (Rom. 4:23, 24) Cokimwe na Aburahamu, turakeneye ukwizera, gukora ibikorwa vyiza no kugira icizigiro. w23.12 7 ing. 16-17