Ku wa kabiri, 20 Rusama
Wa[ra]bonye amagorwa yanje. Urazi intuntu ikomeye mfise.—Zab. 31:7.
gihe ushikiwe n’ikintu kigutera ubwoba, uraguma wibuka ko Yehova akibona be n’uko azi ingene gituma umererwa. Nk’akarorero, Yehova ntiyabona gusa ingene Abisirayeli bafatwa nabi mu Misiri, yarabona n’«umubabaro barimwo.» (Kuv. 3:7) Ariko rero igihe uri mu ngorane igutera ubwoba, woshobora kwibaza ingene Yehova ariko aragushigikira. Numusabe rero agufashe kubibona. (2 Abm. 6:15-17) Nuce ufata umwanya wo kuzirikana: Hoba hari ikiganiro canke iciyumviro catanzwe mw’ikoraniro cagukomeje? Hoba hari igitabu, ividewo canke ururirimbo vyakuremesheje? Hoba hari uwakubwiye iciyumviro canke icanditswe kiremesha? Vyoshobora gushika tugafata minenegwe urukundo abavukanyi na bashiki bacu badukunda be n’ibifungurwa vy’impwemu twama turonka. Ariko rero, turakwiye kwibuka ko ivyo bintu ari ingabire idasanzwe iva kuri Yehova. (Yes. 65:13; Mrk. 10:29, 30) Birerekana ko akwitwararika. (Yes. 49:14-16) Vyongeye, birerekana ko ukwiye kumwizigira. w24.01 4-5 ing. 9-10
Ku wa gatatu, 21 Rusama
[Nu]fashe abashumba bawe kuguma bavuga ijambo ryawe n’ubutinyutsi bwose.—Ivyak. 4:29.
Gatoyi imbere y’uko Yezu asubira mw’ijuru, yaribukije abigishwa biwe ibanga yabashinze ryo kumushingira intahe “i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8; Luka 24:46-48) Gatoyi inyuma y’aho, indongozi z’Abayuda zarafashe intumwa Petero na Yohani, zibarengutsa imbere ya Sentare y’Abayuda, zibategeka guhagarika kwamamaza, mbere zirabatera n’ubwoba. (Ivyak. 4:18, 21) Petero na Yohani bazishuye bati: “Nimba ari ibigororotse imbere y’Imana kubumviriza aho kwumviriza Imana, nimuruce namwe. Mugabo tweho, ntidushobora kureka kuvuga ivyo twabonye kandi twumvise.” (Ivyak. 4:19, 20) Igihe Petero na Yohani barekurwa, abigishwa ba Yezu barasenze bashize amajwi hejuru, bamusaba kubafasha gukora ivyo agomba. Yehova yarishuye iryo sengesho rivuye ku mutima bamutuye.—Ivyak. 4:31. w23.05 5 ing. 11-12
Ku wa kane, 22 Rusama
Uyu ni Umwana wanje nkunda cane.—Mat. 17:5.
Kubona Yehova yamaranye n’Umwana wiwe imyaka idaharurika, vyatumye bakundana urukundo rukomeye. Urukundo rwabo ni rwo rumaze igihe kirekire cane. Mu canditswe c’uno musi, Yehova yaratomoye neza ko akunda Yezu. Yehova yari gushobora gusa kwivugira ngo “Uyu ni we nashimye.” Ariko kubera ko yashaka ko tumenya ko amukunda, yamwise ngo: «Umwana wanje nkunda cane.» Yehova yarishimira Yezu, na canecane kubera ko yari yemeye kudupfira. (Ef. 1:7) Na Yezu nyene ntiyakekeranya ko Se amukunda cane. Urwo Yehova yamukunda yararwiyumvamwo. Akenshi yarakunda kuvuga ajijutse ko Se amukunda.—Yoh. 3:35; 10:17; 17:24. w24.01 28 ing. 8