Ku wa kabiri, 17 Ruheshi
Mukundane.—Yoh. 15:17.
Ahenshi mw’Ijambo ry’Imana turahasanga itegeko ridusaba “gukundana.” (Yoh. 15:12; Rom. 13:8; 1 Tes. 4:9; 1 Pet. 1:22; 1 Yoh. 4:11) Ariko rero urukundo ruri mu mutima, ni ukuvuga imbere muri twebwe, akaba ata muntu ashobora kubona ibiri mu mutima wacu. None abandi bomenya gute ko tubakunda? Biciye ku vyo tuvuga no ku vyo dukora. Hari uburyo butandukanye twokwereka abavukanyi na bashiki bacu ko tubakunda. Raba ibintu bimwebimwe twokora: «Muvugane ukuri.» (Zak. 8:16) «Mubane amahoro.» (Mrk. 9:50) Mube aba mbere «mu gutera iteka bagenzi banyu.» (Rom. 12:10) «Nimuhane ikaze.» (Rom. 15:7) «Mubandanye . . . kubabarirana.» (Kol. 3:13) «Mubandanye kwikoreranira imizigo.» (Gal. 6:2) «Nimugume . . . muhozanya.» (1 Tes. 4:18) «Mugume . . . mwubaka bagenzi banyu.» (1 Tes. 5:11) «Musengeranire.»—Yak. 5:16. w23.11 9 ing. 7-8
Ku wa gatatu, 18 Ruheshi
Nimunezerwe kubera icizigiro.—Rom. 12:12.
Buri musi, turafata ingingo zisaba ko tugira ukwizera gukomeye. Nk’akarorero, turafata ingingo zijanye no guhitamwo abagenzi, ivyo kwisamaza, amashure twokwiga, kwubaka urwacu, kuvyara abana be n’akazi twokora. Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Ingingo mfata zoba zerekana ko nemera ntakeka ko iyi si ya Shetani isigaje igihe gito, kandi ko vuba Imana igiye kuyisubiriza isi nshasha? Canke na ho noba mfata ingingo nk’iz’abantu batemera ko bashobora kubaho ibihe bidahera?’ (Mat. 6:19, 20; Luka 12:16-21) Tuzofata ingingo nziza nitwarushiriza kwizigira ko isi nshasha iri hafi cane. Turashikirwa kandi n’ibigeragezo bisaba ukwizera gukomeye. Twoshobora gushikirwa n’uruhamo, indwara idakira canke ibindi bintu vyoshobora gutuma ducika intege. Mu ntango, twoshobora kwumva dushoboye guhangana n’ico kigeragezo. Ariko iyo kimaze igihe kirekire nk’uko bikunze kugenda, usanga bisaba ukwizera gukomeye kugira dushobore kwihangana kandi tubandanye gukorera Yehova dufise umunezero.—1 Pet. 1:6, 7. w23.04 27 ing. 4-5
Ku wa kane, 19 Ruheshi
Musenge igihe cose.—1 Tes. 5:17.
Yehova yiteze ko dukora duhuza n’ivyo tuba twamusavye mw’isengesho. Nk’akarorero, umuvukanyi yoshobora gusaba Yehova ngo amufashe kuronka agakonji kugira ngo yitabe ihwaniro ry’akarere. None Yehova ashobora kumwishura gute? Yoshobora guha uwo muvukanyi umutima rugabo wotuma aja kwitura umukoresha wiwe. Ariko uwo muvukanyi arakwiye kugira ico akoze akaja gusaba urwo ruhusha. Ivyo yoshobora no kubigerageza incuro zitari nke. Yoshobora no kurondera uwundi mukozi bakorana yohamubera canke agasaba kutazohemberwa imisi y’ako gakonje. Yehova yiteze ko tuguma dushira mw’isengesho ibituraje ishinga. Yezu yaraseruye iciyumviro c’uko bimwebimwe mu vyo twosavye bitociye vyishurwa ubwo nyene. (Luka 11:9) Ntucike intege rero! Nugume usenga kandi ubigiranye ubwira. (Luka 18:1-7) Igihe tubigize, tuba tweretse Yehova ko ico kintu tugishashaye. Tuba twerekanye kandi ko twizigiye ko afise ububasha bwo kudufasha. w23.11 22 ing. 10-11