ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Uno musi

Ku wa kane, 19 Ruheshi

Musenge igihe cose.—1 Tes. 5:17.

Yehova yiteze ko dukora duhuza n’ivyo tuba twamusavye mw’isengesho. Nk’akarorero, umuvukanyi yoshobora gusaba Yehova ngo amufashe kuronka agakonji kugira ngo yitabe ihwaniro ry’akarere. None Yehova ashobora kumwishura gute? Yoshobora guha uwo muvukanyi umutima rugabo wotuma aja kwitura umukoresha wiwe. Ariko uwo muvukanyi arakwiye kugira ico akoze akaja gusaba urwo ruhusha. Ivyo yoshobora no kubigerageza incuro zitari nke. Yoshobora no kurondera uwundi mukozi bakorana yohamubera canke agasaba kutazohemberwa imisi y’ako gakonje. Yehova yiteze ko tuguma dushira mw’isengesho ibituraje ishinga. Yezu yaraseruye iciyumviro c’uko bimwebimwe mu vyo twosavye bitociye vyishurwa ubwo nyene. (Luka 11:9) Ntucike intege rero! Nugume usenga kandi ubigiranye ubwira. (Luka 18:​1-7) Igihe tubigize, tuba tweretse Yehova ko ico kintu tugishashaye. Tuba twerekanye kandi ko twizigiye ko afise ububasha bwo kudufasha. w23.11 22 ing. 10-11

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa gatanu, 20 Ruheshi

Icizigiro ntigitetereza.—Rom. 5:5.

Yehova yarasezeraniye umugenzi wiwe Aburahamu ko amahanga yose yo kw’isi yohezagiwe biciye ku ruvyaro rwiwe. (Ita. 15:5; 22:18) Kubera ko Aburahamu yari afise ukwizera gukomeye, yaremera adakeka ko ivyo Imana yasezeranye bizoranguka. Naho ari ukwo, igihe Aburahamu yari afise imyaka 100, umugore wiwe na we 90, uwo mugore n’umugabo b’abizigirwa ntibari bwaronke umwana. (Ita. 21:​1-7) Ariko Bibiliya ivuga iti: «[Aburahamu] yarishimikije icizigiro arizera ko yobaye se w’amahanga menshi nk’uko vyari vyaravuzwe.» (Rom. 4:18) Nk’uko ubizi, ivyo Aburahamu yari yizigiye vyararangutse. Yaravyaye wa muhungu yari amaze igihe kirekire yizigiye, ari we Izahaki. Kubera iki Aburahamu yari yizigiye ko Yehova yoshikije ivyo yamusezeraniye? Ubucuti somambike Aburahamu yari afitaniye na Yehova ni bwo bwatumye «[ajijuka] rwose ko ivyo Imana yasezeranye» vyorangutse. (Rom. 4:21) Yehova yarashimye Aburahamu yongera amwita umugororotsi kubera ukwizera kwiwe.—Yak. 2:23. w23.12 8 ing. 1-2

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa gatandatu, 21 Ruheshi

Umuntu w’umwizigirwa muri bikeyi aba n’umwizigirwa muri vyinshi, kandi umuntu atabaye umwizigirwa muri bikeyi ntaba n’umwizigirwa muri vyinshi.—Luka 16:10.

Umusore w’umwizigirwa aritwararika n’umwete amabanga yose ajejwe. Raba akarorero katagira agahaze ka Yezu. Ntiyigeze afata ibintu minenegwe canke ngo abe sindabibazwa. Ahubwo yarakora ibintu vyose Yehova amushinze, n’igihe vyaba bigoye. Yarakunda abantu bose, na canecane abigishwa biwe, kandi yaremeye kubigura. (Yoh. 13:1) Niwigane Yezu mu gukora cane kugira urangure igikorwa cose bagushinze. Nimba utabona neza ukuntu wogikora, niwicishe bugufi usabe abavukanyi bahumuye bagufashe. Ntukore ibintu wikurayo. (Rom. 12:11) Ahubwo nusozere igikorwa bagushinze, ugikore “nk’uwukorera Yehova, atari nk’uwukorera abantu.” (Kol. 3:23) Ariko uribuka ko uri umuntu adatunganye. Niwicishe bugufi rero, wemere ikosa iryo ari ryo ryose vyoshika ugakora.—Imig. 11:2. w23.12 26 ing. 8

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika