Ku wa kane, 28 Ntwarante
Umukungugu ni wo uzosubiramwo. —Ita. 3:19.
Nta nkeka ko tutipfuza gukora ikosa nk’iryo Adamu na Eva bakoze. Turashobora kwirinda ko ivyo bidushikira hamwe twoguma twiga ivyerekeye Yehova, tugashima kamere ziwe, tukongera tukagerageza gutahura ukuntu yiyumvira. Nitwabigira, tuzorushiriza gukunda Yehova. Raba akarorero ka Aburahamu. Yarakunda Yehova vy’ukuri. N’igihe yaba adatahura ingingo Yehova yaba yafashe, ntiyagarariza. Aho kugarariza, yaragerageza kurushiriza kumenya Yehova. Nk’akarorero, igihe yamenya ko Yehova yari yafashe ingingo yo guhonya Sodomu na Gomora, Aburahamu yabanje gutinya ko “Umucamanza w’isi yose” yojaniranije abagororotsi n’ababisha. Aburahamu yabona ko ivyo bitumvikana, akaba ari co gituma yabajije Yehova yicishije bugufi ibibazo bitari bike. Yehova yaramwishuye yihanganye. Aburahamu yahavuye atahura ko Yehova asuzuma imitima y’abantu bose, kandi ko atigera ajaniranya ababi n’abeza.—Ita. 18:20-32. w22.08 28 ing. 9-10
Ku wa gatanu, 29 Ntwarante
Umuntu w’umwizigirwa [agumya ibanga].—Imig. 11:13.
Mu 455 imbere ya Kristu, Buramatari Nehemiya amaze gusanura impome za Yeruzalemu, yararondeye abagabo b’abizigirwa bokwitwararitse neza ico gisagara. Mu bo yahisemwo harimwo Hananiya umuganwa w’Ikirimba. Bibiliya ivuga ko Hananiya yari “umugabo w’umwizigirwa kandi [yatinya] Imana y’ukuri kurusha abandi benshi.” (Neh. 7:2) Urukundo Hananiya yakunda Yehova be no kuba atipfuza gukora ivyomubabaza, vyaratuma arangura neza ibanga iryo ari ryo ryose yashingwa. Izo kamere na twebwe zizodufasha kuba abizigirwa mu murimo wa Yehova. Raba akarorero ka Tikiko, umugenzi w’umwizigirwa yakoranye n’intumwa Paulo. Paulo yarikoze kuri Tikiko, uwo yavuze ko yari “umusuku w’umwizigirwa.” (Ef. 6:21, 22) Icatumye Paulo amwizigira si uko gusa yashiriye amakete abavukanyi b’i Efeso n’i Kolosayi, ariko kandi ni uko yabaremesheje akongera akabahumuriza. Tikiko aratwibutsa abagabo b’abizigirwa bo muri iki gihe bitwararika ivyo dukeneye mu vy’impwemu.—Kol. 4:7-9. w22.09 9-10 ing. 5-6
Ku wa gatandatu, 30 Ntwarante
Urukundo rupfuka ibicumuro vyinshi.—1 Pet. 4:8.
Yozefu yarashikiwe n’ingorane zikomeye zamaze nk’imyaka 13. Ico gihe Yozefu ashobora kuba yaribaza nimba Yehova yaramukunda koko. Yari gushobora no kwibaza nimba Yehova yari yamuhevye mu gihe nyene yari akeneye ko amufasha. Yamara rero Yozefu ntiyabitse inzika. Aho kubika inzika, yarazigamye ubwenge bwiwe mu kuguma atekanye. Igihe yaronka akaryo ko kwihora benewabo nta vyo yagize, ahubwo yaberetse ko abakunda be n’uko yabahariye. (Ita. 45:4, 5) Yozefu yavyifashemwo gutyo kubera ko yashoboye kuzigama ubwenge bwiwe. Aho gushira umutima ku ngorane yarimwo, yaguma abona mu bwenge umugambi Yehova yari afise. (Ita. 50:19-21) None ivyo bitwigisha iki? Igihe ufashwe nabi, ntugirire inzika Yehova canke ngo wibaze ko yaguhevye. Ahubwo nyabuna, nuzirikane ku kuntu ariko aragufasha kwihanganira iyo ngorane. Vyongeye, igihe abandi bagufashe nabi, nugerageze gutuma urukundo ubakunda rupfuka amakosa yabo. w22.11 21 ing. 4