Ku wa gatatu, 27 Ntwarante
Mubanz[e] kurondera Ubwami. —Mat. 6:33.
Igihe Yezu yapfa, abigishwa biwe barababaye cane. Uretse ko bari babuze umugenzi bakunda cane, babona kandi ko bari batakaje icizigiro. (Luka 24:17-21) Ariko igihe Yezu yababonekera, yarafashe akanya ko kubafasha gutahura ingene ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwamurangukiyeko. Yaciye kandi abashinga igikorwa gihambaye. (Luka 24:26, 27, 45-48) Igihe Yezu yaduga mw’ijuru, wa mubabaro w’abigishwa biwe wari wahindutse umunezero mwinshi. Kumenya ko Shebuja wabo yari yasubiye kuba muzima be n’uko yari yiteguriye kubafasha kurangura igikorwa yari yabashinze vyaratumye banezerwa. Uwo munezero waratumye bashemeza Yehova badatezura. (Luka 24:52, 53; Ivyak. 5:42) Kugira twigane abigishwa ba Yezu bisaba ko dushira imbere Ubwami bw’Imana mu buzima bwacu. Naho bisaba ko twihangana kugira ngo tugume dukorera Yehova, adusezeranira kuduhezagira nitwabigira.—Imig. 10:22. w23.01 30-31 ing. 15-16.
Ugusoma Bibiliya kw’Icibutso: (Ivyabaye kw’igenekerezo rya 16 Nisani ku murango) Mariko 16:2-8
Ku wa kane, 28 Ntwarante
Umukungugu ni wo uzosubiramwo. —Ita. 3:19.
Nta nkeka ko tutipfuza gukora ikosa nk’iryo Adamu na Eva bakoze. Turashobora kwirinda ko ivyo bidushikira hamwe twoguma twiga ivyerekeye Yehova, tugashima kamere ziwe, tukongera tukagerageza gutahura ukuntu yiyumvira. Nitwabigira, tuzorushiriza gukunda Yehova. Raba akarorero ka Aburahamu. Yarakunda Yehova vy’ukuri. N’igihe yaba adatahura ingingo Yehova yaba yafashe, ntiyagarariza. Aho kugarariza, yaragerageza kurushiriza kumenya Yehova. Nk’akarorero, igihe yamenya ko Yehova yari yafashe ingingo yo guhonya Sodomu na Gomora, Aburahamu yabanje gutinya ko “Umucamanza w’isi yose” yojaniranije abagororotsi n’ababisha. Aburahamu yabona ko ivyo bitumvikana, akaba ari co gituma yabajije Yehova yicishije bugufi ibibazo bitari bike. Yehova yaramwishuye yihanganye. Aburahamu yahavuye atahura ko Yehova asuzuma imitima y’abantu bose, kandi ko atigera ajaniranya ababi n’abeza.—Ita. 18:20-32. w22.08 28 ing. 9-10
Ku wa gatanu, 29 Ntwarante
Umuntu w’umwizigirwa [agumya ibanga].—Imig. 11:13.
Mu 455 imbere ya Kristu, Buramatari Nehemiya amaze gusanura impome za Yeruzalemu, yararondeye abagabo b’abizigirwa bokwitwararitse neza ico gisagara. Mu bo yahisemwo harimwo Hananiya umuganwa w’Ikirimba. Bibiliya ivuga ko Hananiya yari “umugabo w’umwizigirwa kandi [yatinya] Imana y’ukuri kurusha abandi benshi.” (Neh. 7:2) Urukundo Hananiya yakunda Yehova be no kuba atipfuza gukora ivyomubabaza, vyaratuma arangura neza ibanga iryo ari ryo ryose yashingwa. Izo kamere na twebwe zizodufasha kuba abizigirwa mu murimo wa Yehova. Raba akarorero ka Tikiko, umugenzi w’umwizigirwa yakoranye n’intumwa Paulo. Paulo yarikoze kuri Tikiko, uwo yavuze ko yari “umusuku w’umwizigirwa.” (Ef. 6:21, 22) Icatumye Paulo amwizigira si uko gusa yashiriye amakete abavukanyi b’i Efeso n’i Kolosayi, ariko kandi ni uko yabaremesheje akongera akabahumuriza. Tikiko aratwibutsa abagabo b’abizigirwa bo muri iki gihe bitwararika ivyo dukeneye mu vy’impwemu.—Kol. 4:7-9. w22.09 9-10 ing. 5-6