-
Woba warinjiye mu karuhuko k’Imana?Umunara w’Inderetsi—2011 | 15 Mukakaro
-
-
‘Ijambo ry’Imana ni rizima’
20. Ni mu buryo bubiri ubuhe dushobora gutahura ibivugwa mu Baheburayo 4:12? (Raba akajambo k’epfo.)
20 Igihe Paulo yandika yuko “ijambo ry’Imana ari rizima,” ntiyariko yerekeza neza na neza kw’Ijambo ry’Imana ryanditse ari ryo Bibiliya.c Amajambo akikije ico canditswe yerekana yuko yariko arerekeza ku vyo Imana yasezeranye. Paulo yariko aravuga yuko Imana itayaga amasigaracicaro. Yehova yaremeje ico kintu abicishije ku muhanuzi Yesaya, ati: “Ijambo ryanje . . . ntirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo, mugabo . . . rizororanirwa mu co naritumye.” (Yes. 55:11) Ku bw’ivyo, dutegerezwa kwihangana mu gihe ibintu bitihuse nk’uko twavyipfuza. Yehova ‘aguma akora’ afise intumbero yo gutuma umugambi wiwe uranguka neza.—Yoh. 5:17.
21. Mu Baheburayo 4:12 hashobora gute kuremesha abo mu bagize “isinzi rinini” bageze mu zabukuru b’abizigirwa?
21 Abo mu bagize “isinzi rinini” bageze mu zabukuru b’intahemuka baramaze imyaka mirongo bakorera Yehova. (Ivyah. 7:9) Benshi muri bo ntibigeze bitega ko bosaziye muri iyi si. Naho ari ukwo, ntibacitse intege. (Zab. 92:14) Barazi yuko “ijambo ry’Imana ari rizima” kandi ko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye. Kubera ko umugambi w’Imana uhambaye cane kuri yo, turayinezereza igihe tuwitwararika kuruta ibindi vyose. Muri iki kiringo c’umusi ugira indwi, Yehova araruhutse, azi neza yuko umugambi wiwe uzoranguka be n’uko abasavyi biwe uko bagize umugwi bazowushigikira. Weho bite? Woba warinjiye mu karuhuko k’Imana?
-
-
Woba warinjiye mu karuhuko k’Imana?Umunara w’Inderetsi—2011 | 15 Mukakaro
-
-
c Muri iki gihe, Imana iragira ico itubwiye ibicishije kw’Ijambo ryayo ryanditswe, rino rikaba rifise ububasha bwo guhindura ubuzima bwacu. Ku bw’ivyo rero, amajambo ya Paulo dusanga mu Baheburayo 4:12 arashobora no kwerekeza kuri Bibiliya.
-