-
Ubwiza bw’intebe y’ubwami ya Yehova yo mw’ijuruIvyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
Imiravyo, amajwi n’imituragaro
12. Ubu na ho Yohani abona iki kandi yumva iki, vyongeye, “imiravyo n’amajwi n’imituragaro” bitwibutsa iki?
12 None ubu na ho Yohani abona iki kandi yumva iki? Agira ati: “Kandi kuri nya ntebe hava imiravyo n’amajwi n’imituragaro.” (Ivyahishuwe 4:5a) Emwe, ivyo bica bitwibutsa ibindi bihe Yehova yagaragaje ububasha bwiwe mu buryo buteye ubwoba! Nk’akarorero, ku bijanye n’igihe Yehova ‘yamanuka’ ku Musozi Sinayi, Musa yanditse ati: “Ku musi ugira gatatu mu gitondo, hatangura kuba imituragaro n’imiravyo, n’igicu kizitanye ku musozi, n’ijwi ryumvikana cane ry’inzamba. . . . Maze ijwi ry’inzamba rirushirije kuguma riduga, Musa atangura kuvuga, Imana y’ukuri na yo itangura kumwishura n’ijwi.”—Kuvayo 19:16-19.
13. Imiravyo iva ku ntebe y’ubwami ya Yehova igereranya iki?
13 Mu kiringo c’umusi w’Umukama, Yehova arerekana ububasha bwiwe mu buryo butangaje. Ariko rero, ntakoresha imiravyo buravyo kuko ivyo Yohani abona ari ibimenyetso. None iyo miravyo igereranya iki? Mu bisanzwe imiravyo iratanga umuco, ariko kandi irashobora no kwica. Ku bw’ivyo, iyo miravyo iva ku ntebe y’ubwami ya Yehova igereranya umuco yagiye araronsa abasavyi biwe, ariko canecane ikagereranya ubutumwa bwiwe bukaze bujanye n’imanza.—Gereranya na Zaburi 18:14; 144:5, 6; Matayo 4:14-17; 24:27.
14. Ni mu buryo ki amajwi yasamiranye muri iki gihe?
14 Ayo majwi yoyo asobanura iki? Igihe Yehova yamanuka ku Musozi Sinayi, hari ijwi ryavuganye na Musa. (Kuvayo 19:19) Amategeko menshi n’ubutumwa bwinshi dusanga mu gitabu c’Ivyahishuwe vyagiye biratangwa n’amajwi ava mw’ijuru. (Ivyahishuwe 4:1; 10:4, 8; 11:12; 12:10; 14:13; 16:1, 7; 18:4; 19:5; 21:3) No muri iki gihe, Yehova yarahaye abasavyi biwe amategeko n’ubutumwa kugira barushirize gutahura ubuhanuzi n’ingingo ngenderwako dusanga muri Bibiliya. Akenshi amakuru ajanye n’umuco mushasha yagiye arashikirizwa ku mahwaniro mpuzamakungu, ukwo kuri kwo muri Bibiliya kuraheza gutangazwa kw’isi yose. Mu kwerekeza ku bamamaji b’inkuru nziza b’intahemuka, intumwa Paulo yavuze ati: “Erega nkako, ‘ijwi rya[bo] ryagiye mw’isi yose, kandi amajambo ya[bo] yashitse ku mpera z’isi.’”—Abaroma 10:18.
15. Ni imituragaro bwoko ki yavuye kuri ya ntebe y’ubwami muri iki kiringo c’umusi w’Umukama?
15 Umuravyo ukunze guherekezwa n’umuturagaro. Dawidi yavuze ko “ijwi rya Yehova” ari umuturagaro. (Zaburi 29:3, 4) Igihe Yehova yatabara Dawidi abansi biwe, Dawidi yavuze ko umuturagaro wavuye kuri Yehova. (2 Samweli 22:14; Zaburi 18:13) Elihu yabwiye Yobu ko ijwi rya Yehova ryasana nk’umuturagaro igihe akora “ibintu bikomeye tudashobora kumenya.” (Yobu 37:4, 5) Muri iki kiringo c’umusi w’Umukama, Yehova ‘yaraturagaye’ mu kugabisha abantu ku bintu bikomeye agiye gukorera abansi biwe. Ukwo kwasana kw’imituragaro y’ikigereranyo kwarumvikanye kwisubiriza mw’isi yose. Urahiriwe nimba warateze yompi ubwo butumwa bwasana nk’umuturagaro kandi ukaba uriko urakoresha neza ururimi rwawe kugira ngo burushirize gusamirana!—Yesaya 50:4, 5; 61:1, 2.
Amatara y’umuriro n’ikiyaga c’ikiyo
16. Ya “matara indwi y’umuriro” asobanura iki?
16 Ni ibiki kandi Yohani abona? Avuga ati: “Kandi hari amatara indwi y’umuriro yakira imbere ya nya ntebe, ayo akaba agereranya za mpwemu indwi z’Imana. Kandi imbere ya nya ntebe hari ico womenga ni ikiyaga c’ikiyo kimeze nk’ibuye ry’agaciro ryitwa kirisitalo.” (Ivyahishuwe 4:5b, 6a) Yohani ubwiwe aratubwira insobanuro y’ayo matara indwi, ati: “Ayo . . . agereranya za mpwemu indwi z’Imana.” Igitigiri indwi cerekana ikintu Imana ibona ko cuzuye. Ku bw’ivyo, ayo matara indwi ategerezwa kuba agereranya ububasha bwuzuye impwemu nyeranda ifise bwo gutanga umuco. Ese ukuntu abagize umugwi wa Yohani bakenguruka kuba barajejwe uwo muco n’ibanga ryo kuwuronsa abantu bo kw’isi bashonje mu buryo bw’impwemu! Ese ingene duhimbarwa kubona uko umwaka utashe amakopi imiliyoni amajana y’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi abandanya kurasa uwo muco mu ndimi 205!—Zaburi 43:3.
-
-
Ubwiza bw’intebe y’ubwami ya Yehova yo mw’ijuruIvyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 78]
-