2 Samweli
7 Nuko umwami amaze kuba mu nzu yiwe+ kandi Yehova amaze kumuha kuruhuka abansi biwe bose bari bamukikuje+, 2 abwira rero Natani+ umuhanuzi ati: “Raba ubu jewe mba mu nzu y’amasederi+ mu gihe isandugu y’Imana y’ukuri yoyo iba hagati mu bitambara vy’ihema+.” 3 Natani aca abwira umwami ati: “Ikintu cose kiri mu mutima wawe—genda ugikore+, kuko Yehova ari kumwe nawe.”
4 Maze iryo joro ijambo+ rya Yehova riza kuri Natani riti: 5 “Genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Mbega ni wewe uzonyubakira inzu ngo ndayibemwo+? 6 Kuko ntabaye mu nzu kuva umusi nadugana bene Isirayeli ndabakuye mu Misiri gushika uyu musi+, mugabo nagumye ngendagenda+ mw’ihema+ no mw’itaberenakulo*+. 7 Mu gihe cose nagendagenze muri bene Isirayeli bose+, mbega hari ijambo nabwiye umwe mu miryango ya Isirayeli+ nategetse kuragira igisata canje Isirayeli, nti: ‘Kubera iki mutanyubakiye inzu y’amasederi?’”’ 8 Ubu rero, ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ni jewe nagukuye mw’itongo ry’uburagiriro, inyuma y’umukuku+, kugira ngo ube indongozi+ y’igisata canje Isirayeli. 9 Nzobana nawe aho uzoja hose+, kandi nzorandura abansi bawe bose imbere yawe+; kandi ata gukeka nzoguha kugira izina rihambaye+, nk’izina ry’abahambaye bari mw’isi. 10 Nzogenera ikibanza+ abantu banje ari bo Isirayeli, ndabateragire+, na bo bazokwibera koko aho bari, kandi ntibazokwongera kubuzwa amahoro; abana b’ukutagororoka ntibazokwongera kubateza amarushwa nk’uko babigize mu ntango+, 11 egome, guhera umusi nashiraho abacamanza+ ngo bategeke abantu banje Isirayeli; kandi nzoguha kuruhuka abansi bawe bose+.
“‘“Kandi Yehova akumenyesheje yuko Yehova azokwubakira inzu+. 12 Imisi yawe niyakwira+, maze ukabwirizwa kuryama hamwe na ba sogokuruza bawe+, emwe, nzohagurutsa rero uruvyaro* rwawe mu nyuma zawe, uruzova imbere muri wewe; kandi nzoshimangira koko ubwami bwiwe+. 13 Ni we azokwubakira inzu izina ryanje+, nanje ata gukeka nzoshimangira intebe y’ubwami bwiwe gushika igihe kitagira urugero+. 14 Jewe ubwanje nzomubera se+, na we azombera umwana+. Niyakora nabi, nzomukangira n’inkoni+ y’abantu be n’ugukubita kw’abana ba Adamu. 15 Nayo ubuntu bwuzuye urukundo bwanje, ntibuzova kuri we nk’uko nabukuye kuri Sauli+, uwo nakuyeho kubera wewe. 16 Kandi inzu yawe n’ubwami bwawe bizokwama bihamye imbere yawe gushika igihe kitagira urugero; intebe y’ubwami yawe izoshimangirwa gushika igihe kitagira urugero+.”’”
17 Maze Natani avugana na Dawidi yisunze ayo majambo yose n’iryo yerekwa ryose+.
18 Umwami Dawidi aca arinjira, yicara imbere ya Yehova, maze avuga ati: “Mbega ndi nde+ ga Mukama Segaba Yehova? Kandi inzu yanje ni iki ku buryo wanshikanye iyo hose? 19 Nk’aho ico coba vy’ukuri ari ikintu gito mu maso yawe, ewe Mukama Segaba Yehova, yamara uravuze n’ivyerekeye inzu y’umusavyi wawe gushika muri kazoza ka kure; kandi iryo ni ryo tegeko rihawe abantu+, ewe Mukama Segaba Yehova+. 20 Ni igiki kindi Dawidi yokwongerako ngo akikubwire, kandi wewe ubwawe uzi neza umusavyi wawe+, ewe Mukama Segaba Yehova? 21 Ivyo bintu bikomeye vyose wabikoze ku bw’ijambo ryawe+ no mu buryo buhuye n’umutima wawe+, kugira ngo ubimenyeshe umusavyi wawe+. 22 Ni co gituma uhambaye koko+, ewe Mukama Segaba Yehova; kuko ata wundi ariho ameze nkawe+ kandi ata Mana iriho kiretse wewe+, mu zo twumvise n’amatwi yacu zose. 23 Vyongeye, ni ihanga rimwe irihe mw’isi rimeze nk’abantu bawe Isirayeli+, abo wewe Imana wagiye kwicungurira bwa gisata c’abantu+, kugira wiheshe izina+ no kugira ukigirire ibintu bikomeye kandi biteye ubwoba+—ngo wirukane amahanga n’imana zayo ku bw’abantu bawe wicunguriye+ ubakuye mu Misiri? 24 Kandi wishimangiriye abantu bawe Isirayeli+ kugira babe igisata cawe gushika igihe kitagira urugero; kandi wewe ubwawe, ewe Yehova, wacitse Imana yabo+.
25 “None rero, Yehova Mana, ijambo wavuze ku bijanye n’umusavyi wawe no ku bijanye n’inzu yiwe, nurishitse gushika igihe kitagira urugero kandi ukore nk’uko wavuze+. 26 Izina ryawe ribe irihambaye gushika igihe kitagira urugero+, kugira ngo abantu bavuge bati: ‘Yehova nyen’ingabo ni Imana kuri Isirayeli+,’ kandi inzu y’umusavyi wawe Dawidi ibe iyishimangiye imbere yawe+. 27 Kuko wewe, Yehova nyen’ingabo, Mana ya Isirayeli, wahishuriye ugutwi kw’umusavyi wawe uti: ‘Nzokwubakira inzu+.’ Ni co gitumye umusavyi wawe agira umutima rugabo wo kugusenga n’iri sengesho+. 28 None rero, ewe Mukama Segaba Yehova, uri Imana y’ukuri; nayo amajambo yawe, nabe ukuri+, kuko wasezeraniye umusavyi wawe iyi neza+. 29 None rero, niwiyemeze guhezagira+ inzu y’umusavyi wawe kugira ngo igume imbere yawe gushika igihe kitagira urugero+; kuko ari wewe wasezeranye, ewe Mukama Segaba Yehova, kandi bivuye ku muhezagiro wawe, inzu y’umusavyi wawe nihezagirwe gushika igihe kitagira urugero+.”