Ku wa kane, 30 Munyonyo
Icare ng’aha umwanya ngiye harya hirya gusenga.—Mat. 26:36.
Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze ng’aha kw’isi, igihe yariko arasozera igikorwa ciwe, yararondeye ikibanza gitekanye kugira azirikane yongere asenge. Ico kibanza yakironse mw’itongo ry’i Getsemani. Ico gihe, Yezu yarahaye abigishwa biwe impanuro ihambaye ijanye n’isengesho. Igihe bashika mw’itongo ry’i Getsemani bwari bwije cane, kumbure sasita z’ijoro zirenga. Yezu yasavye intumwa ziwe ‘kuguma bari maso,’ aca yigirwa hirya arasenga. (Mat. 26:37-39) Ariko igihe yariko arasenga baciye batwarwa n’agatiro. Igihe Yezu yasanga basinziriye, yarongeye kubabwira ati: “Gume muri maso kandi mugume musenga.” (Mat. 26:40, 41) Yaratahuye ko bari bagize imyitwarariko myinshi be n’uko bari barushe. Kubera impuhwe ziwe, yaratahuye kandi yuko “umubiri [ari] goyigoyi.” Igihe yaja gusenga izindi ncuro zibiri zose, yagaruka asanga abigishwa biwe basinziriye aho gusenga.—Mat. 26:42-45. w22.01 28 ing. 10-11
Ku wa gatanu, 1 Kigarama
Zizokwumviriza ijwi ryanje.—Yoh. 10:16.
Ubucuti Yezu afitaniye n’abayoboke biwe, yabugereranije n’ubucuti budasanzwe buri hagati y’umwungere n’intama ziwe. (Yoh. 10:14) Ico kigereranyo kirabereye. Intama zirazi umwungere wazo, kandi zirumvira ijwi ryiwe. Hari umugabo umwe w’ingenzi yiboneye ico kintu. Yavuze ati: “Twaragerageje guhamagara intama ngo zitwegere maze tuzifotore. Zaranse kuza kuko zitari zizi amajwi yacu. Mu nyuma, haciye haza umuhungu akiri muto yaziragira. Yavuze rimwe gusa zica ziramukurikira.” Ivyo iyo ngenzi yiboneye, biratwibutsa ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’intama ziwe, ni ukuvuga abigishwa biwe. Yavuze ati: “Zizokwumviriza ijwi ryanje.” None ko Yezu ari mw’ijuru, twokwumviriza gute ijwi ryiwe? Uburyo buhambaye twerekana ko twumviriza uwo Databuja wacu, ni mu kubaho dushira mu ngiro ivyo yigishije.—Mat. 7:24, 25. w21.12 16 ing. 1-2
Ku wa gatandatu, 2 Kigarama
Bose ba[ra]cumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana.—Rom. 3:23.
Intumwa Paulo yari intagondwa kandi agahama abakirisu yivuye inyuma. Ariko mu nyuma yaratahuye ko ivyo yakora vyari bibi, aca arahindura uko yari ameze. (1 Tim. 1:12-16) Paulo abifashijwemwo na Yehova, yarabaye umukurambere akundana, w’impuhwe kandi yicisha bugufi. Yahisemwo kwizigira ko Yehova yomubabariye aho gushira umutima ku bugoyagoye bwiwe. (Rom. 7:21-25) Naho yari azi ko adatunganye, yarihatira kuryohora kamere ziwe akongera akiheka kuri Yehova yicishije bugufi, kugira ngo amufashe kurangura igikorwa yashinzwe. (1 Kor. 9:27; Flp. 4:13) Abakurambere ntibagenwa muri iryo banga kubera ko batunganye. Ariko rero, Yehova yiteze ko bemera amakosa bakora bakongera bakaryohora kamere zabo za gikirisu. (Ef. 4:23, 24) Umukurambere akwiye kwisuzuma akoresheje Ijambo ry’Imana, maze agahindura ibintu vyose bikenewe. Gutyo, Yehova azomufasha kuba umukurambere aroranirwa kandi ahimbawe.—Yak. 1:25. w22.03 29-30 ing. 13-15