Ku wa kane, 25 Ruheshi
Ntutinye kuko ndi kumwe nawe. Ntuhagarike umutima kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza, emwe nzogufasha. Vy’ukuri, nzogufata n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi, ndakugumye.—Yes. 41:10.
Zikirikana ku kuntu ubuzima bwacu bwobaye bumeze iyaba tutariko turakorera Yehova. Ivyo birashobora kudufasha kuguma turi intahemuka, maze cokimwe na wa mwanditsi wa Zaburi tukavuga duti: «Jewe, kwegera Imana bimbera vyiza.» (Zab. 73:28) Twoshobora kwihanganira ingorane zose zidushikira muri iyi misi ya nyuma kubera ko «[dushumbira] Imana nzima kandi y’ukuri.» (1 Tes. 1:9) Imana yacu irabaho kandi irafasha abayikorera. Yarabanye n’abasavyi bayo ba kera, kandi n’ubu iri kumwe natwe. Vuba tuzokwinjira muri ya makuba akomeye atigeze kubaho kw’isi. Ariko ntituzoba turi twenyene. Yehova azoba ari kumwe natwe. Ese twese «[twogira] umutima rugabo tukavuga duti: “Yehova ni umutabazi wanje, nta co nzotinya.”»—Heb. 13:5, 6. w24.06 25 ing. 17-18
Ku wa gatanu, 26 Ruheshi
[Muzobona] ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha.—Mal. 3:18.
Bibiliya iratubwira ibijanye n’abagabo barenga 40 babaye abami ba Isirayeli. Iratubwira ko n’abami beza vyashitse bagakora ibintu bibi. Raba akarorero k’umwami mwiza Dawidi. Yehova yavuze ati: «Umusavyi wanje Dawidi . . . [yarankoreye] n’umutima wiwe wose, akora gusa ivyo mbona ko bigororotse.» (1 Abm. 14:8) Yamara Dawidi, yarasambanye n’umugore w’abandi yongera ategura umugambi wo kwicisha umugabo wiwe ku rugamba. (2 Sam. 11:4, 14, 15) Ariko rero, hari n’abami benshi babi yamara bakoze ibintu bimwebimwe vyiza. Raba akarorero ka Rehobowamu. Yehova yabona ko uwo mwami «[y]akora ibibi.» (2 Ngo. 12:14) Yamara Rehobowamu yarubahirije ingingo Imana yari yafashe yuko imiryango cumi ya Isirayeli yiyonkora ku bwami bwiwe. Vyongeye, yarakomeje ubwami bwiwe mu kwubaka ibisagara bikingijwe ibihome. (1 Abm. 12:21-24; 2 Ngo. 11:5-12) Ni igiki Yehova yafatirako kugira avuge ko umwami kanaka ari intahemuka. Nta gukeka ko yafatira ku kuntu yamukorera n’umutima wiwe wose, ku kuntu yigaya ibicumuro hamwe n’ingene yashigikira ugusenga kw’ukuri. w24.07 20 ing. 1-3
Ku wa gatandatu, 27 Ruheshi
Mubandanye kubarera mu kubatoza indero mwongera mubakebura nk’uko Yehova yashinze.—Ef. 6:4.
Bigenda gute igihe umwana yabatijwe, ni ukuvuga uwutarashikana imyaka 18, akoze igicumuro gikomeye? Inama y’abakurambere izotunganya ko abakurambere babiri babonana n’uwo mwana ari kumwe n’abavyeyi biwe b’Ivyabona. Abo bakurambere bazogerageza kumenya ivyo abo bavyeyi bamaze gukora kugira ngo bafashe uwo mwana kwigaya. Abo bakurambere babiri basanze uwo mwana ariko arashira mu ngiro impanuro abavyeyi biwe bamuhaye, boshobora gufata ingingo yo kureka ico kibazo kikabandanya citwararikwa n’abavyeyi, aho kwitwararikwa na komite y’abakurambere. Kanatsinda, abavyeyi ni bo Imana yajeje ibanga ryo gukosora abana babo babigiranye urukundo. (Gus. 6:6, 7; Imig. 6:20; 22:6; Ef. 6:2-4) Inyuma y’aho, abo bakurambere bazoza barayaga n’abavyeyi b’uwo mwana kugira bamenye ingene ariko arafashwa. Bite hoho nka hamwe uwo mwana yabatijwe yobandanya gukora igicumuro ntiyigaye? Ico gihe, hazoca hashingwa komite y’abakurambere izobonana na we ari kumwe n’abavyeyi biwe b’Ivyabona. w24.08 24 ing. 18