7 “Mbega kw’isi ntihari igikorwa c’umuruho+ ku muntu buntu,
Kandi imisi yiwe si nk’imisi y’umucangero+?
2 Ahezagirika yipfuza igitutu+ nk’umushumba,
Akarindira impembo yiwe nk’umucangero+.
3 Ni ko nahawe gutunga amezi+ atagira akamaro,
Bamparūrira n’amajoro y’ivyago+.
4 Iyo ndyamye, mvuga nti: ‘Nzovyuka ryari+?’
Umugoroba warangira na ho, nkaguma ngaragurika gushika mu bucagucagu.
5 Umubiri wanje wambaye inyo+ n’ivyomeke vy’umukungugu+;
Urukoba rwanje rutaramyeko urukokó, rugashonga+.
6 Imisi yanje inyaruka+ kurusha akajishisho k’umujishi,
Kandi irangiye mu mwiheburo+.
7 Ibuka yuko ubuzima bwanje ari umuyaga+,
Yuko ijisho ryanje ritazosubira kubona iciza.
8 Ijisho ry’uwumbona ntirizonyitegereza;
Amaso yawe azoba kuri jewe, mugabo sinzoba ndiho+.
9 Igicu kirarangira koko kigatumuka;
Ni ko n’uwumanuka mu kuzimu atazoduga+.
10 Ntazoba akigaruka ku nzu yiwe,
Kandi iwe ntihazoba hakimumenya+.
11 Nanje rero sinzotangira akanwa kanje.
Nzovuga mu marushwa y’umushaha wanje;
Nzorazwa ishinga n’ukudundumirwa kw’umutima wanje+!
12 Mbega mbaye ikiyaga canke igikoko amahero co mu kiyaga,
Ngo ushire umurinzi+ kuri jewe?
13 Igihe navuga nti: ‘Ubusaswa buzompoza,
Igitanda canje kizomfasha kwikorera amaganya yanje,’
14 Wanteje ubwoba indoto,
Kandi ivyo nerekwa ni vyo uncisha ivutu,
15 Ku buryo mpitamwo kunigwa,
Ngahitamwo urupfu+ ha guhitamwo amagufa yanje.
16 Ndabutaye nk’akanuka+; sinobaho gushika igihe kitagira urugero.
Nundeke, kuko imisi yanje ari impemu zisohotse+.
17 Umuntu buntu+ ni iki ngo umurere,
Ngo ushire umutima wawe kuri we,
18 Ngo umushireko ijisho buri gitondo,
Ngo ugume umugeza umwanya wose+?
19 Kuki utonkurako amaso+,
Canke ngo undeke gushika mire amate yanje?
20 Nimba naracumuye, nokugira iki, wewe Ndavyi y’abantu+?
Kuki wangize ico urasa, bigatuma mba umuzigo kuri wewe?
21 Kuki kandi utababarira ukugabitanya kwanje+
Ngo wirengagize ikosa ryanje?
Kuko ubu ngira ndyame mu mukungugu+;
Kandi uzondondera vy’ukuri, ariko sinzoba ndiho.”