Ururirimbo rw’Ukuduga. Ni izaburi ya Dawidi.
124 “Iyo Yehova ataba ku ruhande rwacu+,”
Isirayeli ubu navuge+ ati:
2 “Iyo Yehova ataba ku ruhande rwacu+
Igihe abantu baduhagurukira+,
3 Baba baratumize mbere tubona+,
Igihe ishavu ryabo ryatururumbira+.
4 Amazi aba yaradukukumuye+,
Uruzi rw’isumo ruba rwaraciye hejuru y’ubuzima bwacu+.
5 Amazi y’ukwita imbere+
Aba yaraciye hejuru y’ubuzima bwacu.
6 Hahezagirwe Yehova, we atadutanze+
Nk’inyama y’uruhigi ku menyo yabo+.
7 Ubuzima bwacu bumeze nk’inyoni icorotse+
Igakira umutego w’abatezi+.
Umutego uracika+,
Natwe tukaba ducorotse+.
8 Ugutabarwa kwacu kuri mw’izina rya Yehova+,
Wa Muhinguzi w’ijuru n’isi+.”