Ururirimbo rw’Ukuduga.
132 Ewe Yehova, niwibuke ku vyerekeye Dawidi+
Ibiteterwe vyiwe vyose+;
2 Ibuka ingene yarahiye Yehova+,
Ingene yaraganiye wa Munyabubasha+ wa Yakobo+, ati:
3 “Sinzokwinjira mw’ihema ryanje, mu nzu yanje+.
Sinzokwurira ku busaswa bwanje, ku buriri bwanje buhambaye+,
4 Sinzoha itiro amaso yanje+,
Canke ngo mpe agatiro amaso yanje aca ibibatsi+,
5 Gushika ndonkeye Yehova ikibanza+,
Ndonkeye itaberenakulo ihambaye wa Munyabubasha wa Yakobo+.”
6 Raba! Twavyumvise muri Efurata+,
Twabisanze mu matongo y’ikibira+.
7 Twinjire mw’itaberenakulo yiwe ihambaye+;
Twuname imbere y’intebe y’ibirenge vyiwe+.
8 Haguruka, Yehova we, ku bw’ahantu hawe h’ukuruhukira+,
Wewe n’Isandugu+ y’inkomezi zawe+.
9 Abaherezi bawe nibambikwe ubugororotsi+,
Intahemuka zawe na zo nizihe akamo k’umunezero+.
10 Kubera Dawidi umusavyi wawe+,
Ntusubize inyuma mu maso h’uwo warobanuje amavuta+.
11 Yehova yararahiye Dawidi+,
Kandi vy’ukuri ntazokwirahuruza+:
“Uwo mu bura bwawe+
Nzomushira ku ntebe yawe y’ubwami+.
12 Abana bawe nibagumya isezerano ryanje+
Be n’ivyibutsa vyanje nzobigisha+,
N’abana babo nyene, ibihe bidahera+
Bazokwicara ku ntebe yawe y’ubwami+.”
13 Kuko Yehova yatoye Siyoni+;
Yarayicambiwe ngo imubere aho kuba+, ati:
14 “Aha ni ho hantu hanje h’ukuruhukira ibihe bidahera+;
Aha ni ho nzoba, kuko nahacambiwe+.
15 Ibiribwa vyaho sinzobura kubihezagira+.
Aboro baho nzobahaza umukate+.
16 Kandi abaherezi baho nzobambika ubukiriro+;
Intahemuka zaho na zo ntizizobura kwiha akamo k’umunezero.
17 Ng’aho, nzokuza ihembe rya Dawidi+.
Natunganirije itara uwo narobanuje amavuta+.
18 Abansi biwe nzobambika ibimaramare+;
Mugabo umugāra wiwe+ uzosagarara kuri we+.”