Mikitamu ya Dawidi.
16 Nzigama, ewe Mana, kuko nahungiye muri wewe+.
2 Nabwiye Yehova nti: “Uri Yehova; ineza yanje, si ku bwawe+,
3 Mugabo ni ku beranda bari mw’isi.
Abo, egome abakomakomeye, ni bo mpimbarirwa rwose+.”
4 Imibabaro iba myinshi kuri barya bihutira gukurikira iyindi mana+.
Sinzosuka amashikanwa yazo y’ikinyobwa y’amaraso+,
Kandi sinzotwara amazina yazo ku minwa yanje+.
5 Yehova ni we mugabane w’umuturi nahawe+ akaba n’umugabane w’igikombe canje+.
Intoranwa yanje urayigumije.
6 Amakamba yo gupimisha angwiriye ahantu hahimbaye+.
Ni ukuri, inyegu yanje iranshimishije.
7 Nzohezagira Yehova, we yangiriye inama+.
Ni ukuri, mu bihe vy’ijoro amafyigo yanje yarankosoye+.
8 Nashize Yehova imbere yanje nantaryo+.
Kubera ko ari iburyo bwanje, sinzonyiganyizwa+.
9 Ni co gituma umutima wanje unezerwa, n’ubuninahazwa bwanje bukumva buhimbawe+.
Vyongeye, umubiri wanje uzokwiberaho mu mutekano+.
10 Kuko utazompebera mu kuzimu+.
Ntuzokwemera ko intahemuka yawe ibona icobo+.
11 Uzomenyesha umunyuro w’ubuzima+.
Umunezero uhagije uri imbere yo mu maso hawe+;
Ubuhimbare buri iruhande y’ukuryo kwawe ibihe bidahera+.