Ku muyobozi, ku Mpongokazi y’Umutwenzi. Agahibongozo ka Dawidi.
22 Mana yanje, Mana yanje, kubera iki umpevye+?
Kubera iki utevye kunkiza+,
Ukaba kure y’amajambo y’ukuroha kwanje+?
2 Ewe Mana yanje, nguma mpamagara ku murango, nawe ntiwishure+;
Ndahamagara no mw’ijoro, kandi sinigera ncereza+.
3 Mugabo wewe uri mweranda+,
Ukaba wibera mu mashemezo ya Isirayeli+.
4 Ba data barakwizigiye+;
Barizigiye, nawe uguma ubakiza+.
5 Barakuririye+, barakira+;
Barakwizigiye, ntibamaramara+.
6 Mugabo jewe ndi umusiba+, sindi umuntu;
Ku bantu, ndi iceyi n’uwusuzuguritse+.
7 Nayo abambona bose, bantwengera mw’ijigo+;
Baguma bataburura iminwa, baguma bazunza umutwe, ngo+:
8 “Yiragije Yehova+. Namukize+!
Namurokore, ko yamuhimbaye+!”
9 Kuko ari wewe wankuye mu nda+,
Ugatuma nizigira ndi ku mabere ya mama+.
10 Naterewe kuri wewe nkiva mu gitereko+;
Wabaye Imana yanje kuva nkiri mu nda ya mama+.
11 Ntugume kure cane yanje, kuko amarushwa ari hafi+,
Kuko ata wundi mufasha ariho+.
12 Ibimasa vyinshi birankikuje+;
Abanyabubasha b’i Bashani ubwabo biranzungurutse+.
13 Buguruye akanwa kabo ngo bandotse+,
Nk’intambwe itabagura kandi iroha+.
14 Nsutswe nk’amazi+,
Kandi amagufa yanje yose aratanijwe+.
Umutima wanje ucitse nk’ishashara+;
Ushongeye imbere muri jewe+.
15 Ububasha bwanje bwumye nk’urujo+,
Ururimi rwanje na rwo rumatanijwe n’ibinyigishi vyanje+;
Kandi unshira mu mukungugu w’urupfu+.
16 Kuko imbwa zinkikuje+;
Ikoraniro ry’inkozi z’ikibi riranzitiye+.
Nka kurya kw’intambwe, bari ku maboko yanje no ku birenge vyanje+.
17 Ndashobora guharūra amagufa yanje yose+.
Ubwabo bararaba, bakampanga amaso+.
18 Bagabangana impuzu zanje+,
Kandi bapfindira ivyambarwa vyanje+.
19 Mugabo wewe, ewe Yehova, ntugume kure cane+.
Ewe nkomezi zanje+, nyaragasa umfashe+.
20 Rokora ubuzima bwanje ubukize inkota+,
Ubwo mfise bwonyene ubukize ijanja ry’imbwa+;
21 Nkiza akanwa k’intambwe+,
Unyishure kandi unkize amahembe y’amashūri y’amanyeshamba+.
22 Nzomenyesha izina ryawe+ bene wacu+;
Hagati mw’ishengero nzogushemeza+.
23 Yemwe abatinya Yehova, nimumushemeze+!
Yemwe ruvyaro rwa Yakobo mwese, nimumuninahaze+!
Kandi mumugirire ubwoba, yemwe ruvyaro rwa Isirayeli mwese+.
24 Kuko atasuzuguye+
Canke ngo aterwe ishishi n’amarushwa y’umurushwa+;
Kandi ntiyamuhishije mu maso hiwe+,
Kandi igihe yamutabaza yarumvise+.
25 Mw’ishengero rinini ishemezo ryanje rizoturuka kuri wewe+;
Nzoshitsa indagano zanje imbere y’abamutinya+.
26 Abatekereza bazorya bahage+;
Abamurondera bazoshemeza Yehova+.
Imitima yanyu nibeho ibihe bidahera+.
27 Impera zose z’isi zizokwibuka zigaruke kuri Yehova+.
Kandi imiryango yose y’amahanga izokwunama imbere yawe+.
28 Kuko ingoma ari iya Yehova+,
Kandi ni we aganza amahanga+.
29 Abadoshe bose bo kw’isi bazorya, buname+;
Imbere yiwe abamanuka mu mukungugu bose bazopfukama+,
Kandi nta n’umwe azokwizigamira ubuzima+.
30 Uruvyaro ruzomukorera+;
Iyaruka rizomenyeshwa ivyerekeye Yehova+.
31 Bazoza bayage ubugororotsi bwiwe+,
Babwire igisata c’abantu kizovuka, yuko ari we yabikoze+.