Ku muyobozi. Ni izaburi ya bene Kora. Agahibongozo.
85 Wahimbawe n’igihugu cawe, ewe Yehova+!
Wagarukanye abajanywe ari imbohe ba Yakobo+.
2 Wahariye ikosa ry’abantu bawe+;
Wapfutse igicumuro cabo cose+. Sela.
3 Wacungereye uburake bwawe bwose+;
Warahindukiye ureka ishavu ryawe rirurumba+.
4 Tugarukane, ewe Mana y’ubukiriro bwacu+,
Ureke umwikomo udufitiye+.
5 Mbega uzotururumbira ishavu gushika igihe kitagira urugero+?
Mbega uzorehūra ishavu ryawe iyaruka ku rindi+?
6 Mbega wewe ubwawe ntuzokwongera kutugira bazima+,
Kugira ngo abantu bawe banezerwe muri wewe+?
7 Ewe Yehova, twereke ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+,
Uduhe ubukiriro bwawe+.
8 Nzokwumva ico Imana y’ukuri Yehova izovuga+,
Kuko izoyaga amahoro ku bantu bayo+ no ku ntahemuka zayo,
Mugabo ntibasubire kwiyizigira+.
9 Ni ukuri, ubukiriro bwayo buri hafi y’abayitinya+,
Kugira ngo ubuninahazwa bube mu gihugu cacu+.
10 Nayo ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, vyarahuye+;
Ubugororotsi n’amahoro, vyarasomanye+.
11 Ukuri kuzonaga kuvuye mw’isi+,
Kandi ubugororotsi buzoraba hasi buri mu majuru+.
12 Vyongeye, Yehova na we azotanga iciza+,
Kandi igihugu cacu kizotanga umwimbu waco+.
13 Imbere yiwe ubugororotsi buzotambuka+,
Bucishe inzira intambuko ziwe+.