Ezekiyeli
36 “Nayo wewe ga mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi ku vyerekeye imisozi ya Isirayeli, uvuge uti: ‘Yemwe misozi ya Isirayeli+, nimwumve ijambo rya Yehova. 2 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ko umwansi yavuze abigambako ngo+: ‘Ahaa! Na vya bibanza bikirurutse vya kera+ biratwegukiye+!’”’
3 “Vuga rero ubuhanuzi, uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Kubera ko, egome, kubera ko mwagizwe umusaka+, bakarondera kubasūmira n’umunwa impande zose+, kugira ngo mucike itongo ryegukira amasigarira y’amahanga+, bakabamiza mu kanwa+ kandi hakaba hari inkuru mbi mu bantu+, 4 ku bw’ivyo rero ga yemwe misozi ya Isirayeli+, nimwumve ijambo ry’Umukama Segaba Yehova! Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye imisozi n’imirambi, inzira z’imigezi n’imibande n’ibibanza vyatikijwe vyagizwe umusaka+, be n’ibisagara vyahebwe vyahavuye biba ivyo gusahurwa no gushinyagurirwa n’amasigarira y’amahanga ari hirya no hino+; 5 ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ni ukuri, nzovugana umwete wanje ururumba umuriro+ mu kwagiriza amasigarira y’amahanga be na Edomu, yose uko ingana+, abihaye igihugu canje ngo kibegukire, bakabigira bari n’umunezero mu mutima wose+, bari n’akagaye mu mutima+, kubera itongo ryaho ry’uburagiriro no kubera isahu+.’”’
6 “Vuga rero ubuhanuzi ku vyerekeye ubutaka bwa Isirayeli, ubwire imisozi n’imirambi, inzira z’imigezi be n’imibande, uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Raba! Jewe ubwanje mu mwete wanje no mu bushangashirwe bwanje ntegerezwa kuvuga, kuko mwikoreye agateterwe gaterwa n’amahanga+.”’
7 “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Jewe naradugije ukuboko kwanje ndarahira+ yuko amahanga abakikuje ari yo ubwayo azokwikorera agateterwe kayo+. 8 Nayo mwebwe ga misozi ya Isirayeli, muzonaga amashami yanyu, mwame ivyamwa vyanyu ku bw’igisata canje Isirayeli+, kuko begereje gushika+. 9 Kuko ehe ndabashigikiye, kandi nzohindukirira koko kuri mwebwe+, namwe vy’ukuri muzorimwa mwongere mubibwe imbuto+. 10 Nzobagwizako abantu, inzu ya Isirayeli yose, yose uko ingana+, kandi ibisagara bazobibamwo+, ibibanza vyatikijwe na vyo bisubire kwubakwa+. 11 Egome, nzobagwizako abantu n’ibitungwa+, kandi bizogwira koko, birondoke; nzotuma bababamwo nk’uko mwahora+, ndabakorere ineza kuruta uko vyari mu ntango yanyu+; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+. 12 Nzotuma kuri mwebwe hagendagenda abantu, egome, igisata canje Isirayeli, kandi bazobigarurira koko+, mubabere itongo ry’intoranwa+, kandi ntimuzokwongera kubahekura+.’”
13 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ko hari abababwira ngo: “Uri ikirotsanyi kirotsa abantu, kandi wacitse igihugu gihekura amahanga yawe+,”’ 14 ‘ntuzokwongera rero kurotsa abantu+, n’amahanga yawe ntuzokwongera kuyahekura+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 15 ‘Nzotuma hadasubira kwumvikana ku bikwerekeye amajambo y’agatetereza avugwa n’amahanga+, kandi ntuzokwongera kwikorera iceyi kiva ku bisata vy’abantu+, n’amahanga yawe ntuzokwongera kuyatsitaza,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”
16 Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 17 “Mwana w’umuntu, ab’inzu ya Isirayeli bari bibereye ku butaka bwabo, hanyuma baguma babuhumanisha inzira yabo n’ibikorwa vyabo+. Imbere yanje, inzira yabo yacitse nk’ubuhumane bw’ubutinyanka+. 18 Nuko ndabasukako ubushangashirwe bwanje kubera amaraso bari basheshe ku gihugu+, ico bari bahumanishije ibigirwamana vyabo vy’umwanda+. 19 Maze ndabasanzaza mu mahanga, ku buryo bashwiragizwa mu bihugu+. Nabaciriye urubanza nk’uko inzira yabo n’ibikorwa vyabo biri+. 20 Nuko baza mu mahanga bajemwo, maze abantu batangura guhumanya izina ryanje ryeranda+ mu kuvuga ku bijanye na bo ngo: ‘Aba ni ba bantu ba Yehova, kandi bavuye mu gihugu ciwe+.’ 21 Nzogirira impuhwe izina ryanje ryeranda, iryo ab’inzu ya Isirayeli bahumanije mu mahanga bajemwo+.”
22 “Bwira rero inzu ya Isirayeli uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Singira ndabikore ku bwanyu, ewe nzu ya Isirayeli, mugabo ni ku bw’izina ryanje ryeranda mwahumanije mu mahanga mwajemwo+.”’ 23 ‘Kandi sinzobura kweza izina ryanje rihambaye+ ryariko rihumanywa mu mahanga, iryo mwahumanije hagati muri yo; kandi amahanga azobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘ninezwa muri mwebwe mu maso yabo+. 24 Nzobakura mu mahanga, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu bihugu vyose, ndabazane ku butaka bwanyu+. 25 Nzobamijagirako amazi atyoroye, namwe mube abatyoroye+; nzobuhagira ubuhumane bwanyu bwose+ n’ibigirwamana vyanyu vyose vy’umwanda+. 26 Kandi nzobaha umutima mushasha+, ndabashiremwo impwemu nshasha+, kandi nzokura mu mubiri wanyu umutima w’ibuye, ndabahe umutima w’inyama+. 27 Nzoshira impwemu yanje muri mwebwe+, ngire ico nkoze kugira ngo mugendere mu ngingo nyobozi zanje+, kandi muzogumya ingingo zanje z’ubutungane, muzishitse vy’ukuri+. 28 Muzokwibera koko mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu+; emwe, muzoba abantu banje, nanje mbe Imana yanyu+.’
29 “‘Nzobakiza ubuhumane bwanyu bwose+, mpamagare intete ndazigwize, kandi nta kigoyi nzoshira kuri mwebwe+. 30 Emwe, nzogwiza ivyamwa vy’igiti, n’umwimbu w’itongo, kugira ngo mu mahanga ntimwongere kugira iceyi c’ikigoyi+. 31 Ntimuzobura kwibuka inzira zanyu mbi n’ibikorwa vyanyu bitari bimeze neza+, kandi ntimuzobura kwumva mwishishe ubwanyu kubera amakosa yanyu no kubera ibintu vyanyu biteye ishishi+. 32 Singira nkore ivyo ku bwanyu+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘ivyo mubimenye. Nimumaramare, muteterwe, kubera inzira zanyu, ewe nzu ya Isirayeli+!’
33 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Umusi nzobuhagira amakosa yanyu yose, nzotuma kandi ibisagara babibamwo+, ibibanza vyatikijwe na vyo bisubire koko kwubakwa+. 34 Igihugu cacitse umusaka kizorimwa, naho cari caracitse igiharabuga mu maso y’abahita bose+. 35 Kandi abantu ntibazobura kuvuga bati: “Kiriya gihugu cari casizwe ari umusaka gisigaye kimeze nka wa murima wa Edeni+, nayo ibisagara vyari vyabaye igiharabuga, bigasigwa ari umusaka, bigasamburwa, ubu bikingijwe ibihome; bisigaye bibamwo abantu+.” 36 Nayo amahanga azoba asigaye hirya no hino yanyu, azobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova nubatse ivyari vyasambuwe+, ngateragira icagizwe umusaka. Jewe Yehova navuze kandi nabikoze+.’
37 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ku bw’iki kintu, nzokwongera kureka inzu ya Isirayeli indondere kugira ndakibakorere+: Nzobagwiriza abantu nk’umukuku+. 38 Kurya kw’umukuku w’abantu beranda, kurya kw’umukuku w’i Yeruzalemu mu biringo vyaho vy’imisi mikuru+, ni ko ibisagara vyari vyarabaye igiharabuga bizokwuzura umukuku w’abantu+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.’”