Guharura
32 Kandi bene Rubeni+ na bene Gadi+ bari bararonse ibitungwa vyinshi, emwe, vyinshi cane. Nuko babona igihugu ca Yazeri+ n’igihugu ca Gileyadi, kandi ehe aho hantu hari ahantu habereye ibitungwa. 2 Ku bw’ivyo bene Gadi na bene Rubeni baraza babwira Musa na Eleyazari umuherezi n’abakuru b’ikoraniro bati: 3 “Ataroti+ na Diboni+ na Yazeri na Nimura+ na Heshiboni+ na Eleyale+ na Sebamu na Nebo+ na Beyoni+, 4 igihugu Yehova yatsindiye+ imbere y’ikoraniro rya Isirayeli, ni igihugu kibereye ibitungwa, kandi abasavyi bawe barafise ibitungwa+.” 5 Babandanya kuvuga bati: “Nimba twagize ubutoni mu maso yawe, iki gihugu nigihabwe abasavyi bawe bacigabire. Ntutujabukane Yorodani+.”
6 Nuko Musa abwira bene Gadi na bene Rubeni ati: “Mbega bene wanyu bazogenda mu ntambara namwe mugume muba ng’aha+? 7 Kubera iki mwovuna umutima bene Isirayeli ngo ntibajabuke mu gihugu Yehova azobaha ata gukeka? 8 Ukwo ni ko ba so bakoze+ igihe nabatuma kuraba nya gihugu bavuye i Kadeshi-baruneya+. 9 Igihe baduga bakaja mu mwonga wa Eshikoli+ maze bakabona nya gihugu, baravunye umutima bene Isirayeli, kugira ngo ntibinjire mu gihugu Yehova yari agiye kubaha ata gukeka+. 10 Ku bw’ivyo ishavu rya Yehova ryararurumvye kuri uwo musi ku buryo yarahiye+ ati: 11 ‘Abagabo baduze bavuye mu Misiri, kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga+, ntibazobona ubutaka narahiye Aburahamu na Izahaki na Yakobo+, kuko batankurikiye n’umutima wose, 12 kiretse Kalebu+ mwene Yefune Umukenizi na Yosuwa+ mwene Nuni, kuko bakurikiye Yehova n’umutima wose.’ 13 Nuko ishavu rya Yehova rirurumbira Isirayeli, atuma bayerera mu gahinga imyaka mirongo ine+, gushika iyaruka ryose ryakora ikibi mu maso ya Yehova riherengeteye+. 14 None ehe mugiye mu kibanza ca ba so muri umugwi w’abagabo b’abacumuzi kugira murushirize kwongereza ishavu rirurumba Yehova+ afitiye Isirayeli. 15 Mu gihe mwosubira inyuma mukareka kumukurikira+, na we rero ntiyobura gusubira kubareka bakamara ikindi gihe mu gahinga+, kandi mwoba mukwegeye aba bantu bose guhona+.”
16 Mu nyuma baramwegera, bavuga bati: “Tureke twubake ng’aha ingo z’ibitungwa zubakishijwe amabuye ku bw’umukuku wacu, n’ibisagara ku bw’abana bacu batoyi. 17 Mugabo twebwe ubwacu tuzogenda dufise ibikenewe nk’abatonze urugamba+ imbere ya Isirayeli gushika tubashikanye ahantu habo, mu gihe abana bacu batoyi bazoba baba mu bisagara bizitijwe ibihome, kure yo mu maso h’ababa mu gihugu. 18 Ntituzogaruka ku mazu yacu bene Isirayeli batarironsa amatongo abegukira, umwe wese atarironsa intoranwa yiwe bwite+. 19 Kuko tutazoronka intoranwa kumwe na bo hakurya ya Yorodani kubandanya, kuko intoranwa yacu twayironse hakuno ya Yorodani i burasirazuba+.”
20 Nuko Musa avuga ati: “Nimwagira iki kintu: nimwironsa ibikenewe imbere ya Yehova ku bw’intambara+, 21 kandi uwufise ibikenewe wese wo muri mwebwe akajabuka vy’ukuri Yorodani imbere ya Yehova, gushika yirukanye abansi biwe bakava imbere yiwe+, 22 kandi igihugu kikaganzwa vy’ukuri imbere ya Yehova+, maze mu nyuma mukagaruka+, muzoba rero mwerekanye koko yuko ata caha kibagira imbere ya Yehova n’imbere ya Isirayeli; kandi iki gihugu kizocika icanyu, kibe ico mwigabira imbere ya Yehova+. 23 Mugabo nimutagira gutyo, muzoba rero mucumuye kuri Yehova+. Muri ico gihe, mumenye yuko igicumuro canyu kizobahamvya+. 24 Nimwiyubakire ibisagara ku bw’abana banyu batoyi n’ingo z’ibitungwa zubakishijwe amabuye ku bw’imikuku yanyu, kandi icavuye mu kanwa kanyu muze mugikore+.”
25 Nuko bene Gadi na bene Rubeni babwira Musa bati: “Abasavyi bawe bazokora nk’uko umukama wanje ategetse+. 26 Abana bacu batoyi, abagore bacu, ibitungwa vyacu n’ibikoko vy’ibitungano vyacu vyose bizoguma hariya mu bisagara vya Gileyadi+, 27 mugabo abasavyi bawe bazojabuka imbere ya Yehova turwane intambara, umuntu wese afise ibikenewe ku bw’ingabo+, nk’uko umukama wanje avuze.”
28 Nuko rero ku biberekeye Musa aha itegeko Eleyazari umuherezi na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru ba ba se b’imiryango ya bene Isirayeli. 29 Musa ababwira rero ati: “Bene Gadi na bene Rubeni nibajabukana namwe Yorodani imbere ya Yehova, umuntu wese afise ibikenewe ku bw’intambara+, kandi igihugu kikaganzwa vy’ukuri imbere yanyu, muze rero mubahe igihugu ca Gileyadi kibe ico bigabira+. 30 Mugabo nibatajabukana namwe bafise ibikenewe, baze rero bagerere hagati muri mwebwe mu gihugu ca Kanani+.”
31 Bene Gadi na bene Rubeni baca bishura bati: “Uko Yehova yabwiye abasavyi bawe ni ko tuzokora+. 32 Twebwe ubwacu tuzojabuka imbere ya Yehova dufise ibikenewe, tuje mu gihugu ca Kanani+, kandi intoranwa yacu twigabira tuzoba tuyifise hakuno ya Yorodani+.” 33 Nuko bene Gadi+ na bene Rubeni+ n’igice c’umuryango wa Manase+ mwene Yozefu, Musa abaha ubwami bwa Sihoni+ umwami w’Abamori n’ubwami bwa Ogi+ umwami wa Bashani, ni ukuvuga igihugu cegukira ibisagara vyaco mu turere, n’ibisagara vya nya gihugu vyari irya n’ino.
34 Nuko bene Gadi bubaka Diboni+ na Ataroti+ na Aroweri+, 35 na Atiroti-shofani na Yazeri+ na Yogibeha+, 36 na Beti-nimura+ na Beti-harani+, ibisagara bizitijwe ibihome+, n’ingo z’ibitungwa zubakishijwe amabuye+. 37 Kandi bene Rubeni bubaka Heshiboni+ na Eleyale+ na Kiriyatayimu+, 38 na Nebo+ na Bayali-meyoni+—amazina yavyo akaba yarahinduwe—na Sibuma; maze ivyo bisagara bubatse bavyita amazina yabo bwite.
39 Nuko bene Makiri+ mwene Manase baja i Gileyadi barahafata, birukana Abamori bariyo. 40 I Gileyadi, Musa ahaha rero Makiri mwene Manase, na we atangura kubayo+. 41 Yayiri mwene Manase na we aragenda, afata ibigwati vyabo vy’amahema, maze avyita Havoti-yayiri+. 42 Noba na we aragenda, afata Kenati+ n’ibisagara bihakukira; maze ahita Noba, izina ryiwe bwite.