Gusubira mu vyagezwe
15 “Uko haheze imyaka indwi, ukwiye guhebera abantu imyenda. 2 Kandi uku ni ko ukwo guheba imyenda kuzogenda+: uwufitiwe umwenda wese azoheba umwenda yahaye mugenziwe. Ntakwiye kuremera mugenziwe canke mwene wabo ngo arihe+, kuko uguheba imyenda gutegerezwa gutangazwa ku bwa Yehova+. 3 Umunyamahanga+ woshobora kumuremera ngo arihe; mugabo ikintu cawe cose coba kiri kwa mwene wanyu, ukuboko kwawe kuze kugihebe. 4 Ariko nta n’umwe akwiye kuba mworo iwawe, kuko Yehova azoguhezagira+ ata kabuza mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa ngo ucigarurire+, 5 niwakira gusa kwumviriza koko ijwi rya Yehova Imana yawe, ukaba maso ugashitsa iri bwirizwa ryose ndagutegetse uno musi+. 6 Kuko Yehova Imana yawe azoguhezagira vy’ukuri nk’uko yagusezeraniye, kandi koko uzoha ingurane+ amahanga menshi ku ngwati, mugabo wewe nta ngurane uzosaba; kandi uzoganza amahanga menshi, mugabo wewe ntazokuganza+.
7 “Nihagira umwe muri bene wanyu acika mworo iwawe muri kimwe mu bisagara vyawe, mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe, ntuze ukomantaze umutima wawe canke ngo upfumbate igipfunsi* imbere ya mwene wanyu mworo+. 8 Kuko ukwiye kumupfumbatururira ikiganza cawe+ ugatanga utitangiriye itama, kandi ntubure kumuha ingurane ku ngwati nk’uko ivyo akeneye bingana, birya abuze. 9 Wiyubare, mu mutima wawe ntihaze ijambo rigayitse+, ngo: ‘Umwaka ugira indwi, wa mwaka wo guheba imyenda, uregereje+,’ maze ijisho ryawe rigacika koko iryimanyi kuri mwene wanyu mworo+, ntugire ico umuha, akabwirizwa gusemerera atakambira Yehova akurega+, bikakubera igicumuro+. 10 Ntuze ubure kumuha+, kandi umutima wawe ntukwiye kuba ingumyi mu kumuha, kuko ivyo bizotuma Yehova Imana yawe aguhezagira mu gikorwa cawe cose no mu migambi yawe yose+. 11 Kuko hagati mu gihugu hatazokwigera habura umworo+. Ni co gituma ndagutegetse, nti: ‘Uze upfumbatururire cane ikiganza cawe mwene wanyu w’umurushwa kandi w’umworo mu gihugu cawe+.’
12 “Mwene wanyu, Umuheburayo canke Umuheburayokazi, niyagurishwa kuri wewe+, kandi akaba amaze kugukorera imyaka itandatu, mu mwaka ugira indwi rero ukwiye kumurungika akava iwawe ari uwidegemvya+. 13 Kandi niwamurungika akava iwawe ari uwidegemvya, ntuze umurungike iminwe misa+. 14 Ntuze ubure kumuronsa ivya nkenerwa mu kugira ico umuha kivuye mu mukuku wawe no ku mbuga yawe y’ikubitiro no mu ruganiro rwawe rw’amavuta n’umuvinyu. Nk’uko nyene Yehova Imana yawe yaguhezagiye, ni ko ukwiye kumuha+. 15 Kandi utegerezwa kwibuka yuko wacitse umushumba mu gihugu ca Misiri maze Yehova Imana yawe akagucungura+. Ni co gituma ndagutegetse iki kintu uno musi.
16 “Niyakubwira ati: ‘Sinsohoka ngo mvane nawe!’ kubera agukunda cane wewe n’urugo rwawe kuko yari amerewe neza ari iwawe+, 17 uze rero ufate umugera uwutoboze ugutwi kwiwe ushike no ku muryango, aheze acike umushumba wawe gushika igihe kitagira urugero+. No ku mushumbakazi wawe uze ugenze gutyo nyene. 18 Ntibize bibe ikintu kigoye mu maso yawe niwamurungika akava iwawe ari uwidegemvya+; kuko yagukoreye imyaka itandatu ku bw’ibingana kabiri impembo y’umucangero+, kandi Yehova Imana yawe akaba yaraguhezagiye mu vyo wakora vyose+.
19 “Ikigabo c’uburiza cose kizovuka mu busho bwawe no mu mukuku wawe uze ucereze Yehova Imana yawe+. Ntuze ukoreshe igikorwa na kimwe uburiza bw’ishūri yawe, canke ngo ukemure uburiza bwo mu mukuku wawe+. 20 Imbere ya Yehova Imana yawe ni ho ukwiye kukirira ku mwaka ku mwaka, wewe n’urugo rwawe, ahantu Yehova azotora+. 21 Kandi nicabonekako agahonzi, caba gicumbagira canke gihumye, agahonzi kabi ako ari ko kose, ntuze ugishikanire kw’ikimazi Yehova Imana yawe+. 22 Mu marembo yawe ni ho ukwiye kukirira, kandi uwuhumanye n’uwudahumanye bose hamwe baze bakirye+, nk’uko barya ingeregere n’ifumbēri+. 23 Ariko amaraso yaco ntuze uyarye+. Uze uyasese hasi nk’amazi+.