Itanguriro 48:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Yozefu abonye yuko se wiwe agumije ukuryo kwiwe ku mutwe wa Efurayimu, biramubabaza+, maze agerageza gufata ukuboko kwa se wiwe ngo agukure ku mutwe wa Efurayimu agushire ku mutwe wa Manase+. Guharura 1:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 abanditswe muri bo bo mu muryango wa Efurayimu+ bari ibihumbi mirongo ine n’amajana atanu+. Gusubira mu vyagezwe 33:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ubwiza bwakaka bwiwe ni nk’ubw’ishūri y’uburiza+,Amahembe yiwe ni amahembe y’ishūri y’inyeshamba+.Ni yo azosunikisha ibisata vy’abantu+Vyose hamwe gushika ku mpera z’isi,Kandi ni yo bihumbi mirongo vya Efurayimu+,Kandi ni yo bihumbi vya Manase.” Yosuwa 14:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Kuko bene Yozefu bari bacitse imiryango ibiri+, Manase+ na Efurayimu+; kandi Abalewi ntibari barahawe umuturi mu gihugu, kiretse ibisagara+ vyo kubamwo n’amatongo y’uburagiriro yavyo ku bw’ibitungwa vyabo n’ivyo batunze+.
17 Yozefu abonye yuko se wiwe agumije ukuryo kwiwe ku mutwe wa Efurayimu, biramubabaza+, maze agerageza gufata ukuboko kwa se wiwe ngo agukure ku mutwe wa Efurayimu agushire ku mutwe wa Manase+.
17 Ubwiza bwakaka bwiwe ni nk’ubw’ishūri y’uburiza+,Amahembe yiwe ni amahembe y’ishūri y’inyeshamba+.Ni yo azosunikisha ibisata vy’abantu+Vyose hamwe gushika ku mpera z’isi,Kandi ni yo bihumbi mirongo vya Efurayimu+,Kandi ni yo bihumbi vya Manase.”
4 Kuko bene Yozefu bari bacitse imiryango ibiri+, Manase+ na Efurayimu+; kandi Abalewi ntibari barahawe umuturi mu gihugu, kiretse ibisagara+ vyo kubamwo n’amatongo y’uburagiriro yavyo ku bw’ibitungwa vyabo n’ivyo batunze+.