19 Gideyoni arinjira maze atangura gutegura akagazi k’impene+, na efa imwe y’ifu ayikoramwo udutsima tutarimwo umwambiro+. Inyama azishira mu gisimbo, umufa na wo awushira mu nkono, hanyuma arabisohokana, abimuzanira munsi ya ca giti kinini maze arabimushikiriza.