16 uwakugaburiye manu+ mu gahinga, iyo ba so batari baramenye, kugira ngo agucishe bugufi+ no kugira ngo akugeze, akugirire neza mu misi yawe yo hanyuma+;
12 Nuko manu* ireka kuboneka ku musi ukurikira, igihe bari bariye ku mwimbu w’ico gihugu; manu ntiyasubira kuboneka ku bwa bene Isirayeli+, maze batangura kurya ku mwimbu w’igihugu ca Kanani muri uwo mwaka+.
4 Ico cari gifise icotezo+ c’inzahabu be n’isandugu y’isezerano+ ikuyengejeko inzahabu hose+, ikabamwo ikarabo ry’inzahabu ririmwo manu*+ na ya nkoni ya Aroni yanaga+ be na vya bisate+ vy’isezerano;