Kuvayo 23:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 “Ntukemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso abantu babona neza kandi kigashobora kugoramika amajambo y’abagororotsi+. Ivyakozwe 20:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 Nta feza canke inzahabu canke ivyambarwa vy’umuntu n’umwe nagiriye umwina+. 1 Timoteyo 3:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 atari umunyamatati w’imborerwa+, atari uwukubitana+, ahubwo abe uwugira ibitegereka+, atari uwukunda kurwana+, atari inkunzi y’amahera+, 1 Petero 5:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Muragire+ ubusho bw’Imana+ mujejwe, mutagoberewe, ahubwo mubikunze+; mutabitumwe n’ugukunda inyungu mbi+, ahubwo mubishashaye;
8 “Ntukemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso abantu babona neza kandi kigashobora kugoramika amajambo y’abagororotsi+.
3 atari umunyamatati w’imborerwa+, atari uwukubitana+, ahubwo abe uwugira ibitegereka+, atari uwukunda kurwana+, atari inkunzi y’amahera+,
2 Muragire+ ubusho bw’Imana+ mujejwe, mutagoberewe, ahubwo mubikunze+; mutabitumwe n’ugukunda inyungu mbi+, ahubwo mubishashaye;