ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 23:40
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 40 Kandi ku musi wa mbere muze mutore ivyamwa vy’ibiti vyizavyiza, ibibabi vy’ibigazi+, n’amashami y’ibiti bisagaraye, n’ibiti vy’imyarava vyo mu mwonga, kandi muze munezerwe+ imbere ya Yehova Imana yanyu imisi indwi.

  • Gusubira mu vyagezwe 12:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Kandi mutegerezwa kunezerwa imbere ya Yehova Imana yanyu+, mwebwe n’abahungu banyu n’abakobwa banyu n’abashumba banyu n’abashumbakazi banyu n’Umulewi ari imbere mu marembo yanyu, kuko ata muturi canke intoranwa afise kumwe namwe+.

  • Gusubira mu vyagezwe 26:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kandi utegerezwa kunezererwa+ ivyiza vyose Yehova Imana yawe yaguhaye wewe n’urugo rwawe, n’Umulewi na kavamahanga ari hagati yawe+.

  • Nehemiya 8:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Abandanya kubabwira ati: “Gende murye ibintu binuze, munywe n’ibintu bisosa, kandi murungikire imigabane+ umuntu ata co yateguriwe; kuko uwu musi ari mweranda ku Mukama wacu; ntimubabare, kuko akanyamuneza ka Yehova ari igihome gikomeye canyu.”

  • Nehemiya 8:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Gutyo ishengero ryose ry’abari baragarutse bavuye mu bunyagano, bubaka insago maze baba muri zo; kuko bene Isirayeli batari barakoze gutyo kuva mu misi ya Yosuwa mwene Nuni+ gushika uwo musi, ku buryo haba umunezero mwinshi cane+.

  • Umusiguzi 5:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Raba! Ikiruta ibindi jewe niboneye, kikaba ari ciza, ni uko umuntu yorya, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa c’ubutame ciwe cose+ akora agatama munsi y’izuba mu misi yose y’ubuzima bwiwe Imana y’ukuri yamuhaye, kuko uwo ari wo mugabane wiwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika