13 Buno nyene Dawidi abwira abantu biwe ati: “Nimukenyere umwe wese inkota yiwe+!” Nuko barakenyera umwe wese inkota yiwe, na Dawidi nyene akenyera inkota yiwe; hanyuma batangura kuduga bakurikiye Dawidi, abagabo nk’amajana ane, ariko amajana abiri baguma bicaye iruhande y’imizigo+.