Guharura 14:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Gusa ntimugararize Yehova+; kandi mwebwe ntimutinye abantu bo muri ico gihugu+, kuko ari umukate kuri twebwe. Ubwugamo bwabo bwabavuyeko+, kandi Yehova ari kumwe natwe+. Ntimubatinye+.” Gusubira mu vyagezwe 9:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Ibuka: Ntiwibagire ingene wateye ishavu Yehova Imana yawe mu gahinga+. Kuva kuri wa musi wava mu gihugu ca Misiri gushika uje aha hantu, mwabaye abagarariji mu nyifato mugira kuri Yehova+. 1 Samweli 12:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Mugabo nimutagamburuka ijwi rya Yehova+, mukagarariza koko itegeko rya Yehova+, ukuboko kwa Yehova kuzobarwanya ata gukeka, mwebwe na ba so+.
9 Gusa ntimugararize Yehova+; kandi mwebwe ntimutinye abantu bo muri ico gihugu+, kuko ari umukate kuri twebwe. Ubwugamo bwabo bwabavuyeko+, kandi Yehova ari kumwe natwe+. Ntimubatinye+.”
7 “Ibuka: Ntiwibagire ingene wateye ishavu Yehova Imana yawe mu gahinga+. Kuva kuri wa musi wava mu gihugu ca Misiri gushika uje aha hantu, mwabaye abagarariji mu nyifato mugira kuri Yehova+.
15 Mugabo nimutagamburuka ijwi rya Yehova+, mukagarariza koko itegeko rya Yehova+, ukuboko kwa Yehova kuzobarwanya ata gukeka, mwebwe na ba so+.