22 Nya mugore, mu bukerebutsi bwiwe+, aca aja ku bantu bose, maze baca umutwe wa Sheba mwene Bikiri baraheza bawujugunyira Yowabu. Uno aca avuza inzamba+, gutyo barasanzara bavuye kuri nya gisagara, umwe wese aja i muhira iwe; Yowabu na we asubira i Yeruzalemu ku mwami.